IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > KWIZERA Pierrot yahawe agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa (...)

KWIZERA Pierrot yahawe agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa ry’Urwanda

lundi 10 Mukakaro 2017

KWIZERA Pierre batazira Pierrot asanzwe akina hagati mu murwi wa Rayon Sport yahawe ibahasha y’amafaranga umuriyoni w’amanyarwanda.

Uwundi yahawe agashimwe, ni Massoud Djuma Irambona, umumenyereza w’umurwi Rayon Sport nawe ava mu gihugu c’Uburundi, yahawe ibihumbi 750 vy’amanyarwanda, inyuma yo gutahukana igikombe c’umwaka mw’ihiganwa.

Mu rukino rwa kivandimwe rwahuje umurwi Rayon Sport na Azam FC wo mu gihugu ca Tanzaniya, umurwi Rayon Sport watsinze ibitsindo 4 ku bitsindo bibiri vya Azam, mu bitsindo vya Rayon Sport harimwo kimwe ca Kwizera Pierre batazira Pierrot.

KWIZERA Pierrot atahukanye agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa Azam Rwanda Premier League, ku ncuro igira kabiri, mu myaka ibiri ikurikirana.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.