IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukinyi Neymar Junior yashitse mu gisagara ca Paris

Umukinyi Neymar Junior yashitse mu gisagara ca Paris

vendredi 4 Myandagaro 2017

Ku mafaranga imiriyoni 222 z’amafaranga y’abanyaburaya, Neymar Junior abaye umukinyi wa mbere kw’isi aguzwe amafaranga menshi, inyuma ya Paul Pogba yaguzwe ayashika imiriyoni 100 ava mu murwi wa Juventus de Turin aja mu murwi Manchester United.

Neymar Junior yashitse ku kibuga c’indege mu ndege ntoya, yakirwa n’abantu isinzi bari baje kumutegera kuva mu gatondo kare, harimwo abakunzi biwe n’abakunzi b’umurwi wa Paris Saint Germain agiye gukinira.

Imbere y’uko ashika mu gisagara ca Paris, Neymar Junior yashimiye Lionel Messi na Luis Suarez afata nk’abavukanyi, ku bihe vyiza bamaranye mu murwi wa FC Barcelone, aca abipfuriza kubandanya bagira ibihe vyiza mu murwi wa FC Barcelone.

Kuva mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017, mu mazu y’ubudandaji mu gisagara ca Paris, hibonekeza abakunzi benshi b’umurwi Paris Saint Germain baza kugura impuzu umukinyi Neymar Junior azokwambara.

Bitegekanijwe ko inyuma y’umutaga umukinyi Neymar Junior aza gutanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.