Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umukuru w’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB yakeje umurwi nserukiragihugu (...)
 Umukuru w’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB yakeje umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20
 Umukuru w’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB yakeje umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20
				
				lundi 2 avril 2018
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, yamenyesheje ko akeje umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20, imbere y’umurwi nserukiragihugu wa Etiyopiya.
Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, yamenyesheje ko vyerekana umwimbu, uvuye mu nguvu zashizwe hamwe, mu guteza imbere umupira w’amaguru w’Uburundi.
Ati :« Ndakeje umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba z’abatarenza imyaka 20 ku ntsinzi imbere y’umurwi wa Etiyopiya, ivyerekana umwimbu ku nguvu zashizwe hamwe mu guteza imbere umupira w’amaguru wacu. »
Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, watsinze umurwi nserukiragihugu wa Etiyopiya ibitsindo bibiri ku busa,mu rukino rwabereye i Addis-Abeba, igitsindo ca mbere cinjijwe na Pascal Ramadhan ku munota wa 7, mu gihe igitsindo ca kabiri cinjiye ku munota wa 22 cinjijwe na Selemani Moustapha.
Urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe mu ndwi zibiri, umurwi uzoba utsinze uzoca uhura n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani.
MUGISHA Van Naris

Messages
15 avril 2018, 12:44, par nimbabazi zebede
NUKURI RWARUKA UMUPIRA TUWUKUNDE NIKAZOZAKACU NAKIGIHUGU,KOMERA.