IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umunyakameruni Karl Toko Ekambi yatsindiye agashimwe kitiriwe umukinyi (...)

Umunyakameruni Karl Toko Ekambi yatsindiye agashimwe kitiriwe umukinyi Marc-Vivien Foé

lundi 14 mai 2018

Karl Toko Ekambi, abaye umukinyi wa mbere ava mu gihugu ca Cameroun atsindiye ako gashimwe, kuva gatangura gutangwa ku mukinyi ava ku mugabane wa Afrika akina mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Bufaransa.

JPEG - 29.6 ko
Karl Toko Ekambi, yatahukanye agashimwe kitiriwe Marc Vivien Foe

Uwo mukinyi asanzwe akinira umurwi wa Angers mu gihugu c’Ubufaransa, yari yahiganywe n’abandi :

Keita BALDÉ DIAO ava mu gihugu ca Senegal,
Matthieu DOSSEVI va mu gihugu ca Togo,
Max-Alain GRADEL ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire,
Gaël KAKUTA ava mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo,
Wahbi KHAZRI ava mu gihugu ca Tiniziya,
Moussa KONATÉ ava mu gihugu ca Senegal,
Nicolas PÉPÉ ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire,
Jean Michaël SERI ava mu gihugu Cote d’Ivoire,
Julio TAVARES ava mu gihugu ca Cap-Vert,
Bertrand TRAORÉ ava mu gihugu ca Burkina Faso,
Hamari TRAORÉ ava mu gihugu ca Mali,
André-Frank ZAMBO ANGUISSA ava mu gihugu ca Marseille.

Ako gashimwe kitiriwe umukinyi Marc-Vivien Foé 2018, kazoba gatanzwe ku ncuro igira 10, umukinyi umwe wenyene wa Côte d’Ivoire Gervinho niwe amaze kugatwara incuro zibiri, mu mwaka wa 2010 n’umwaka wa 2011.

Abandi bamaze gutwara ako gashimwe :

2009 : Marouane Chamakh ava mu gihugu ca Maroc
2010 : Gervinho ava mu gihugu ca Côte d’Ivoire
2011 : Gervinho ava mu gihugu ca Côte d’Ivoire
2012 : Younès Belhanda ava mu gihugu ca Maroc
2013 : Pierre-Emerick Aubameyang ava mu gihugu ca Gabon
2014 : Vincent Enyeama ava mu gihugu ca Nijeriya
2015 : André Ayew ava mu gihugu ca Ghana
2016 : Sofiane Boufal ava mu gihugu ca Maroc
2017 : Jean Mickaël Seri ava mu gihugu ca Côte d’Ivoire.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.