IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Bayern Munich wabeshuje amakuru avuga ko ushaka Cristiano (...)

Umurwi Bayern Munich wabeshuje amakuru avuga ko ushaka Cristiano Ronaldo

lundi 19 Ruheshi 2017

Vyose vyatanguye inyuma yaho umukinyi Cristiano Ronaldo yagirijwe ko hari amakori ava mu bimenyekanishwa hakoresheje ishusho yiwe yategerezwa kuriha, ariko atarishe.

Mw’itangazo yashize ahabona kuri uno wa mbere igenekerezo rya 19 Ruheshi 2017,Karl-Heinz Rummenigge arongoye umurwi Bayern Munich yavuze ko mu gihe c’ici hama hariho abakinyi barondera kugira baze gufasha gukomeza umurwi,ariko ko ibivugwa kuri Cristiano Ronaldo ari ibihuha.

Yavuze ati : «Mu bisanzwe ntidukunda kugira ico dushikirije ku makuru y’ibihuha,ariko kuri iki co, tugomba kubamenyesha aho duhagaze ku vyerekeye Cristiano Ronaldo : Iki gihuha ntigifise ishingiro, kandi gitegerezwa gufatwa nk’ikidafise agaciro.»


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.