IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Delta Star waronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma mu gikombe (...)

Delta Star waronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma mu gikombe c’umukuru w’igihugu

dimanche 3 juin 2018

Urwo rukino rugira kabiri rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu, rwabereye ku kibuga Urukundo c’i Ngozi, kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 3 Ruheshi 2018.

Amakuru ava ahabereye urwo rukino, amenyesha ko iyo ntsinzi y’umurwi Delta Star itari yitezwe, kuko uwo murwi wahora mu cicaco ca mbere c’ihiganwa Primus Ligue wakorokeye mu cicaro ca kabiri.

Urwo rukino, rwabaye umurwi Olympic Star uteri kumwe n’umumenyereza wawo, bamwe mu bakunzi b’urukino rw’umupira w’amaguru, bari ku kibuga Urukundo, bakavuga ko vyoba biri mu vyatumye umurwi utsindwa.

Urukino rwa nyuma ruzoba kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi 2018, rukazohuza umurwi Vitalo FC nawo watsinze Burundi Sport Dynamic ibitsindo bibiri kuri kimwe, hamwe na Delta Star, urwo rukino bitegekanijwe ko ruzobera mu ntara ya Gitega.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.