IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Dynamo watahukanye igikombe citiriwe incungu z’Uburundi

Umurwi Dynamo watahukanye igikombe citiriwe incungu z’Uburundi

lundi 23 octobre 2017

Urukino rwa nyuma rwahuje umurwi Dynamo n’umurwi wa Muzinga,rurangira umurwi wa Dynamo utsinze Muzinga amanota 54 kuri 48, bica bituma umurwi wa Muzinga ufata ikibanza ca kabiri.

Mu rukino rwo kurondera umurwi ufata ikibanza ca gatatu rwahuje umurwi New Star na Mutanga United rwaheze umurwi wa New Star utsinze Mutanga United amanota 73 ku manota 67,gutyo umurwi New Star utahana ikibanza ca gatatu.

Hejuru y’igikombe,umurwi Dynamo wabaye uwa mbere watahukanye kandi ibahasha y’amafaranga imiriyoni zibiri(2000000frbu),umurwi Muzinga wabaye uwa kabiri utahana ibahasha y’umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atanu(1500000frbu),umurwi New Star wa gatatu utahukana ibahasha y’ibihumbi amajana indwi na mirongo itanu(750000frbu),umurwi Mutanga United utahukana ibihumbi amajana atandatu(600000frbu).

Muri iyo ntumbero nyene, ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 21 Gitugutu 2017,umurwi w’umupira w’amaguru waserukiye intara ya Rumonge w’abakinyi badashikana imyaka 16 niwo watahukanye igikombe n’ibahasha y’amafaranga ibihumbi amajana atanu (500000frbu) utsinze umurwi wa Bujumbura Mairie igitsindo kimwe k’ubusa.

Ibirori vyo gusozera izo nkino zitiriwe incungu z’Uburundi zari zatewe iteka n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO, hamwe n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka akaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Reverien NDIKURIYO.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.