IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi FC Barcelone waronse umukinyi ashobora gusubirira Neymar

Umurwi FC Barcelone waronse umukinyi ashobora gusubirira Neymar

dimanche 27 Myandagaro 2017

Amakuru dukesha ikinyamakuru jeuneafrique amenyesha ko Ousmane Dembele yamaze kwitwa umukinyi w’umurwi FC Barcelone,inyuma yo gushira amasezerano yo gukinira uwo murwi mu kiringo c’imyaka itanu.

Ikinyamakuru jeuneafrique kikamenyesha ko umukinyi Ousmane Dembele yaguzwe amafaranga yabababa imiriyoni 145 z’amafaranga y’abanyaburaya,bigatuma aba umukinyi wa kabiri aguzwe amafaranga menshi muri kahise k’umupira w’amaguru,inyuma y’umukinyi Neymar.

Kuva bitanguye kuvugwavugwa ko Ousmane Dembele ashobora gukinira umurwi FC Barcelone,uwo mukinyi yaciye asa n’uwuhagaritse gukinira umurwi yahoramwo Borussia Dortimund.

Ousmane Dembele afise amamuko mu gihugu ca Mali,amaze gutumakwo incuro 7 mu murwi nserukiragihugu w’Ubufaransa, awutsindira igitsindo kimwe.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.