IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Flambeau de l’Est waronse amanota atatu ya mbere kuva ihiganwa (...)

Umurwi Flambeau de l’Est waronse amanota atatu ya mbere kuva ihiganwa ritanguye

jeudi 5 Gitugutu 2017

Mu zindi nkino zabaye ku munsi wa mbere w’indwi ya 5, imirwi yatsindanye uku :

Les Lierres 3-1 Delta Star

Olympic Star 2-0 Les Jeunes Athletique

Ngozi City 2-3 Aigle Noir

Vital’O FC 0-0 Athletico Olympique.

Mu zindi nkino, umurwi Flambeau de l’Est waronse intsinzi y‘ibitsindo bibiri ku busa bw’umurwi Bujumbura City, bituma uwo murwi uva mu bibanza vya nyuma.

Mu zindi nkino imirwi yatsindanye uku :

Musongati 2-1 Inter Star

LLB 1-0 Messager Bujumbura

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 5 Gitugutu 2017, bitegekanijwe ko umurwi Flambeau du centre utana mu mitwe n’umurwi Messager Ngozi.

Ku rutonde mfatakibanza, umurwi LLB uza mu kibanza ca mbere n’amanota 15, ugakurikirwa n’umurwi wa Aigle noir w’i Makamba ufise amanota 13, mu kibanza ca gatatu haza umurwi Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga.

Imirwi ibangamiwe cane ni Delta Star wo mu Gatumba n’umurwi Inter Star iza mu bibanza bibiri vya nyuma.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.