IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 wizeza intsinzi imbere ya (...)

Umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 wizeza intsinzi imbere ya Etiyopiya

jeudi 19 avril 2018

Ayo makuru ava mu ntara ya Ngozi, mu murwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20, amenyesha ko abamenyereza n’abakinyi bose bameze neza, kandi bamaze no gutangura imyimenyerezo, yo kwitegurira urukino.

Mu murwi nserukiragihugu, basaba abakunzi b’umupira w’amaguru kubashigikira kuva ku munota wa mbere w’urukino, gushika ku munota wa nyuma.

Urukino rwa mbere rwo gutangura rwabereye I Addis-Abeba mu gihugu ca Etiyopiya, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi watsinze ibitsindo bibiri ku busa bwa Etiyopiya.

Umurwi nserukiragihugu wa Etiyopiya ukeneye gutsinda ibitsindo bitatu ku busa umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, kugira uronke uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa.

Bitegekanijwe ko umurwi uzotsinda hagati y’Uburundi na Etiyopiya uzoca ukina n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani.

Urukino rwo gusubiriza ruzobera ku kibuga Urukundo co mu ntara ya Ngozi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.