IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urutonde mfatakibanza rw’abakinyi bazoserukira Uburundi muri CECAFA (...)

Urutonde mfatakibanza rw’abakinyi bazoserukira Uburundi muri CECAFA challenge club

vendredi 20 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Urwo rutonde mfatakibanza rugizwe n’abakinyi 30 bose bakina mw’ihiganwa rya Primus Ligue. Umugwi wa LLB S4 Africa ukaba ariwo ufisemwo abakinyi benshi bashika ku ndwi, umugwi wa Vitalo’o ukagiramwo 5, aigle noir 5, Messager Ngozi 3, Olympic star 3, Buja City 2, Les Lierres 2, Atletico Olympic 2 hamwe na Musongati ifisemwo umukinyi umwe.

Umumenyereza Alain Olivier NIYUNGEKO batazira Mtombola amenyesha ko urwo rutonde rushobora guhinduka bivanye n’uko hagize umukinyi agira ikibazo canke hibonekeje uwuteye imbere gusumba ukwo yahora.

Mtombola agira ati : "Umugwi nturaba ntabanduka. Ushobora guhinduka umwanya uwariwo wose bivanye n’uko abakinyi bazoza barigenza".

JPEG - 38 ko
Umumenyereza Alain Olivier NIYUNGEKO batazira Mtombola

Alain Olivier NIYUNGEKO arongera akamenyesha ko abakinyi bakinira mu karere nabo bazotumwako mu misi iri mbere kugira ngo bashireho umugwi wabakinyi 23 bazojana mw’ihiganwa, akanamenyesha ko imyimenyerezo izotangura kuri uwu wa mbere uza igenekerezo rya 23 Gitugutu 2017.

Iryo higanwa rya CECAFA Challenge club rizobera mu gihugu ca Kenya, mu gihe irindi higanwa rihuza ibihugu vya Africa rikinwa n’abakinyi basanzwe bakinira ku mugabane wa Africa "CHAN" ryobereye muri ico gihugu nyene ca Kenya mu kwezi kwa mbere kw’Umwaka uza ryimuriwe mu gihugu ca Maroc kubera imvo z’amatora.

Abakinyi b’Intamba mu rugamba batumweko

Abanyezamu : Nahimana Johnatan ( Vital’o FC)- Rukundo Onezime ( Messager Ngozi)- Mutombola Fabien( LLS4A)

Abakinyi b’inyuma : Harerimana Rashid Leon (LLBS4A)- Kamana Ismael (Aigle Noir )- Barisize Nassor (Olympique Stars)- Nahimana Steve ( Aigle Noir)-Ndizeye Sam ( Vital’o FC)-Hakizimana Youssouf (Messager Ngozi).

Abakinyi bo hagati : Ndoriyobija Eric ( LLS4A)-Ndikumana Moussa ( Vital’Ofc)- Mbirizi Eric ( Buja City)- Urasenga Dany Cedrik ( Messager Ngozi) – Mabano Shabani ( Aigle Noir)- Akimana Trezor ( Musongati)- Mousa Mossi Hadji ( LLS4A)- Moussa Hafizi ( LLS4A)- Kwizera Eric( Les Lierres)

Abasatirizi : Niyonkuru Pascal ( LLS4A)- Ndayiragije Abdoul razak ( Buja City)- Bulimwengu Jules ( LLS4A)- Ndabadugitse Salum ( Les Lierres)- Manirakiza Moussa ( Athletico Olympique)- Shaka Bienvenue( Aigle Noir) – Slim Saidi ( Olympique Stars)- Andre Tokoto ( Athletico Olympique).


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.