IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Uwuguze Terefone muri LUMITEL atahukana utuganuke

Uwuguze Terefone muri LUMITEL atahukana utuganuke

jeudi 22 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Muripfuza kugura terefone ngendanwa, gendera ahakorera amaduka ya Lumitel, muzohasanga amaterefone ngendanwa atandukanye, hamwe n’ibindi bikoresho vy’ugutumatumanako amakuru, ku biciro vyiza. Uwuguze muri Lumitel atahukana n’utundi turusho.

1. Uwuguze terefone ntoya ya 2G, ayihabwa irimwo ikarata simu n’amafaranga igihumbi c’ama inite akoreshwa mu guhamagara, igihumbi gikoreshwa mu kurungika ubutumwa bugufi (SMS), hamwe n’igihumbi c’ugukoresha kuri internet. Si ivyo gusa, utwo turusho uwuguze terefone aturonswa uko ashizemwo ama inite ku kwezi, bikamara amezi atanu akurikirana.

2. Uwuguze terefone (Smart phone 3G), ayironswa irimwo ikarata simu n’amafaranga ibihumbi bitanu bikoreshwa kuri internet, hamwe n’igihumbi gikoreshwa mu kurungika ubutumwa bugufi. Ntibigarukira aho kubera utwo turusho umunywanyi aturonka uko ashizemwo ama inite ku kwezi, mu kiringo c’amezi atanu akurikirana.

3. Uwuguze terefone (Smart phone 4G), ayihabwa irimwo ikarata simu n’ama Mega 1.024 ya internet. Mu ntango z’ukwezi, uwo yaguze iyo terefone yama aronswa ama Mega 512, bikamara amezi atanu.

4. Uwuguze "Routeur 3G" ayironka irimwo ikarata simu n’ama Mega 3.584 ya internet, hamwe n’amafaranga igihumbi c’akarusho (bonus). Mu kiringo c’amezi atanu, uwo yaguze "Routeur" yama ahabwa mu ntango z’ukwezi ama Mega 600 ya internet hamwe n’ubutumwa bugufi 30 (30SMS).

5. Uwuguze "Routeur 4G" ayishikirizwa irimwo ikarata simu ifise ama Mega 3.072 ya internet, akongera agahabwa uko ukwezi gutashe, ama Mega 1.024 akoreshwa kuri internet, mu kiringo c’amezi atanu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.