IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Vitalo watsinze urukino rwa mbere usubiriye kumenyerezwa na Yaoundé

Vitalo watsinze urukino rwa mbere usubiriye kumenyerezwa na Yaoundé

lundi 19 février 2018

Urukino rwahuje umurwi wa Vitalo na Flambeau de l’Est rwari rurindiriwe cane n’abakunzi b’umupira w’amaguru kuko bashaka gusubira kubona ubuhinga buzanywe n’umumenyereza Gilbert KANYENKORE yagarutse kumenyereza umurwi Vitalo.

Igitsindo kimwe ca Vitalo ari naco catumye ukwiza inkino 11 udatsinzwe urukino na rumwe,cinjiye ku munota wa 28, cinjijwe n’umukinyi Kashindi Joseph.

JPEG - 267.9 ko
Abakinyi b’umurwi wa Vitalo

Rwari urukino rwa mbere umurwi wa Vitalo ukinye kuva usubiriye kumenyerezwa n’umumenyereza Gilbert KANYENKORE batazira Yaounde, inyuma y’igihe kitari gito atabarizwa muri uwo murwi.

Inyuma y’inkino zo kur’uyu w’Imana, imirwi ikurikirana uku ku rutonde nfatakibanza :

1. MESSAGER NGOZI n’amanota 46
2. LLB S4A n’amanota 41
3. AIGLE NOIR n’amanota 39
4. VITAL’O n’amanota 33
5. BUJUMBURA CITY n’amanota 33
6. OLYMPIC STAR n’amanota 28
7. LES LIERRES n’amanota 26
8. MUSONGATI n’amanota 25
9. FLAMBEAU DU CENTRE n’amanota 24
10. FLAMBEAU DE L’EST n’amanota 23
11. INTER STARS n’amanota 21
12. ATHLETICO n’amanota 18
13. NGOZI CITY n’amanota 18
14. MESSAGER BJM n’amanota 17
15. JEUNES ATHLETICS n’amanota 15
16. DELTA STAR n’amanota 5

Imirwi ya Olympic Star na LLBS4Africa ikaba itakinye inkino, kuko iriko yitegurira inkino mpuzamakungu zizaokinwa kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.