IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Yves Jordan TCHAKOUNTE yasezeye Vitalo FC ayimazemwo amezi abiri (...)

Yves Jordan TCHAKOUNTE yasezeye Vitalo FC ayimazemwo amezi abiri gusa

mardi 12 Nyakanga 2017

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Yves Jordan Tchakounte yanditse agira ati :’’Bonjour ou bonsoir et surtout désolé pour tous les fans que je vais #Blesser j’ai décidé de quitter le club #Vitalo fc aujourd’hui parce qu’il n’ont pas respecté leur engagement depuis le # 4aout 2017 date ou j’ai signé le fameux contrat je leur souhaite tout le bonheur du monde et bon courage à eux ☝#DieuCestLaForce.’

Tubishize mu kirundi yavuze ati : ’’Mwaramutse canke mwiriwe kandi mbabajwe no kumenyesha abakunzi ko nafashe ingingo yo kuva mu murwi Vital’o FC kuko batubahirije amasezerano kuva kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017 aho nashira umukono kuri ayo masezerano, ndabipfurije umunezero wose ushoboka kw’isi, ndabatera kandi intege. Imana niyo nkomezi.’’

Umwe mu bamenyereza b’umurwi wa Vital’o twavuganye tumaze kubona ivyashikirijwe n’umukinyi Yves Jordan TCHAKOUNTE yatubwiye ko ivyo uwo mukinyi yanditse yavyanditse ku gatwe kiwe.

Yavuze ko ata masezerano yigeze aba hagati ya Yves Jordan TCHAKOUNTE n’umurwi Vital’o, kuko yari mw’igeragezwa yisabiye wenyene mu kiringo c’amezi atandatu, naho asezeye ico kiringo kitarahera.

JPEG - 94.4 ko
YVES JORDAN TCHAKOUNTE ariko ashira umukono ku masezerano

Uwo mumenyereza w’umurwi Vital’o amenyesha ko bamaze kumugerageza basanze atabishoboye, nawe amaze kwumva ko agiye gusezererwa aca aritanga ubuyobozi bw’umurwi Vital’O.

Uwo mumenyereza aremesha abakunzi b’umurwi Vital’O ko bariko baritegurira neza ihiganwa rizotangura kuwa gatandatu igenekerezo rya 16 Nyakanga 2017, kandi ko n’urutonde rw’abakinyi ruzoshika mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2017.

JPEG - 78.4 ko
YVES JORDAN TCHAKOUNTE ahejeje gushira umukono ku masezerano
JPEG - 103.1 ko
YVES JORDAN TCHAKOUNTE mu myimenyerezo n’umurwi Vitalo FC

MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.