IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Ziganya na LUMICASH

Ziganya na LUMICASH

mardi 25 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe LUMITEL ryatanze akarusho ku banywanyi baryo bose bakoresha LumiCash.

LumiCash, ni ubuhinga bw’ukurungikirana amafaranga biciye muri terefone ngendanwa, ubwo buhinga bukaba buheruka gutanguzwa na Lumitel.

Iryo shirahamwe ryatanze akarusho ku banywanyi baguze ama inite bakoresheje ubwo buhinga.

Umunywanyi wese wa Lumitel ashobora kugura ama inite, canke akayagurira uwundi munywanyi wa Lumitel aho ari hose, amasaha 24 kuri 24, kandi iminsi indwi ku ndwi, ku karusho k’ibice bitanu kw’ijana.

Akarorero : Ama inite y’ibihumbi cumi vy’amarundi agurwa amafaranga 9500.

Kugura ama inite na Lumitel biroroshe :
- Fyonda *163#
- Hitamwo 3
- Injiza inomero yanyu canke nomero y’uwo ushaka kugurira
- Andika amafaranga
- Injiza akanyegezwabanga kanyu (code PIN)
- Emeza irungikwa ry’amafaranga wipfuza kurungika

Abashaka kumenya vyinshi basabwa guhamagara ku nomero 100, canke bakishikira ahakorera Lumitel mu gihugu cose, canke naho bakavugana n’abajejwe kwakira abanywanyi biciye ku muhora Facebook wa Lumitel : www.facebook.com/lumitelburundi


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.