IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi 23 batumweko gutegura urukino rwa Burundi - Niger

Abakinyi 23 batumweko gutegura urukino rwa Burundi - Niger

mardi 23 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, Olivier NIYUNGEKO yashize ahabona kuri uwu wa kabiri urutonde rw’abakinyi 23 b’INTAMBA MU RUGAMBA batumweko kugira bategure urukino rw’ugusubiriza ruzohuza Uburundi na Niger i Niamey kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2016.

Urwo rukino ni urwo mu rukurikirane rw’ukurondera imirwi nserukirabihugu izokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika co mu mwaka w’2017 muri Gabon. Tukabamenyesha ariko ko n’aho mu rukino rwa mbere Uburundi bwari bwatsinze ibitsindo bibiri ku busa umurwi nserukiragihugu wa Niger, Uburundi bwaramaze gutakaza amahirwe y’ukuzokwitaba iryo higanwa. Abakinyi b’Uburundi nibigenza neza bagatsinda muri urwo rukino, bikaba bizofasha igihugu kwegera imbere ku rutonde rwa FIFA rw’ingene ibihugu birushanya amanota.

Urutonde rw’abakinyi batumweko

Abanyezamu

Arakaza Mac Arthur (Vital’o Fc )
Nzokira Jeff (Djibouti)
Mbonihankuye Innocent Madede (Djibouti)

Abakinyi b’inyuma

Nshimirimana David (Vital’o)
Hakizimana issa (Vital’o)
Moussa Omar (Athletico)
Rugonumugabo Stéphane(Lydia ludic)
Harerimana Rashid Leon (Lydia ludic)
Nimubona Vianney (Flambeau de l’est)
Kiza fataki (Vital’o)
Kamwanga Étienne (Flambeau de l’est)

Abakinyi bo hagati hamwe n’abasatirizi

Papy faty (Bidvest)
Kwizera Pierre (Rayon sport)
Harerimana Moussa Hapfizi (dcmp Kinshassa)
Duhayindavyi Gaël (Vital’o)
Tambwe Floribert (Lydia ludic)
Moustapha Francis (Vital’o)
Barenge pistis (Vital’o)
Nsabumukama Enock (Messager ngozi)
Moussa Mossi Hadji (inter Star)
André tokoto (Athletico Olympic)
Ndurusanze Jean Claude (Lydia ludic)
Ndayisenga Kevin dambo (Jomo cosmos)
Shabani Hussein (Vital’o)
Nsabivyumva Frédéric (Jomo cosmos)
Nduwarugira Christophe (Chibuto)
Amissi Cedrick (tchibuto)
Mavugo laudit (Simba)
Fiston Abdoul Razzak (Celtic Bloemfontein)
Tambwe Amissi (Yanga)
Nahimana Shasir (Rayon sport)
Ndikumana yamini Selemani (Quatar)


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.