Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’Intamba mu rugamba batumweko muri CECAFA CHALLENGE CUP (...)
 Abakinyi b’Intamba mu rugamba batumweko muri CECAFA CHALLENGE CUP 2015
 Abakinyi b’Intamba mu rugamba batumweko muri CECAFA CHALLENGE CUP 2015
				
				mercredi 18 Munyonyo 2015, par
Urutonde rw’abakinyi 20 b’Intamba mu rugamba bazoserukira Uburundi mu mahiganwa ya CECAFA CHALLENGE CUP 2015 azobera mu gihugu ca Ethiopie bamenyekanye. Muri 20 batumweko, 12 bakina mu Burundi, umunani bakaba bakina mu bindi bihugu.
Muri abo cumi na babiri bakina mu Burundi, cumi n’umwe bose bakina mu murwi wa Vital’O, hakiyongerako Ndikumana Yussuf akina mu murwi Lydia Ludic Burundi Sport for Africa.
Umumenyereza azoherekeza uwo murwi ni Niyungeko Olivier batazira Mutombola, akaba ari icegera ca Ait Ahcene Abdelmalek, bivugwa ko atazojana n’umurwi w’Intamba mu rugamba kubera ari mu karuhuko. Urukino rwa mbere rw’Uburundi ruzoba kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo, rukazohuza Intamba mu rugamba n’umurwi nserukiragihugu wa Zanzibar. Bitegekanijwe ko abakinyi b’Uburundi bava i Bujumbura kuri uwu wa gatatu.
Abakinyi 20 batumwe ni :
Abakina mu Burundi :
Arakaza Mac Arthur (Vital ‘O)
Biha Omar (Vital ‘O)
Nshimirimana David (Vital ‘O)
Rugonumugabo Stephane (Vital ‘O)
Kiza Fataki (Vital ‘O)
Hakizimana Issa (Vital ‘O)
Duhayindavyi Gael (Vital ‘O)
Nahimana Shassir (Vital ‘O)
Barenge Pistis (Vital ‘O)
Niyonkuru Nassor (Vital ‘O)
Mavugo Laudit (Vital ‘O)
Ndikumana Yussuf (LLBS4 Africa)
Abakina hanze :
Nizigiyimana Abdoul Karim (Gor Mahia du Kenya)
Ndayisenga Fwadi (Sofapaka du Kenya)
Tambwe Amissi (Young Africans de la Tanzanie)
Kavumbagu Didier (Azam FC de la Tanzanie)
Kwizera Pierre (Rayons Sports du Rwanda)
Cédric Amissi (Chibuto FC de Mozambique)
Nduwarugira Christophe (Chibuto FC de Mozambique)
Nzokira Jeff (Djibouti Telecom de Djibouti)
Uburundi buri kumwe na Ouganda, Kenya na Zanzibar mu murwi wa kabiri (Groupe B)
IGIHE

Messages
19 Munyonyo 2015, 09:45, par x
Mrc igihe. bi iyi nkuru ndabona uno musi mwayikoze neza iruzuye kabisa ejo bundi mwari mwatubwiye abakinyi bahamagawe ku rukino rwa congo ariko ntimwari mwatubwiye amakipe bakinamwo
19 Munyonyo 2015, 17:53, par Ernest ruyigi
Nibagende batere agateka uburundi kandi turabizeye barashoboye.bonne chanse et bon voyage.
20 Munyonyo 2015, 10:22, par nimubona viateur
urutond rwatumweko ruteye amakenga abakinyi 11 muri equipe imwe?hoho uwo mutoza aruhuka yakoze iki atar ukudusevy?kudukura muri chan kudutsindisha mu rukino rwambere dukina na R D C kureka guhamagara ntibazonkiza?sha akwiye kwirukanwa kuko yaratubabaje
27 Munyonyo 2015, 19:00, par nkurunziza richard
dutegerezwa gutwara igikombe ca cecafa
21 Ntwarante 2016, 22:16, par Habonimana Jules
Ndobasabira Umugisha Atibazane Nuhoraho Abarongore Murukinobazokina
31 Ntwarante 2016, 18:35, par Mpawenayo Lambert
Abo Bakinyi Bose Turabizeye
9 Munyonyo 2016, 15:19, par Dieudonné
Itize Nyinshi Kugira Muzotsinde,abatoza Nabo Barabe Igikwiriye.
9 Munyonyo 2016, 15:20, par Dieudonné Kayanza
Itize Nyinshi Kugira Muzotsinde,abatoza Nabo Barabe Igikwiriye.
27 Ntwarante 2017, 21:27, par uwimana jean didier
abo bakinyi turabemera kandi ndizeye ko bazodutera iteka!!!!!