IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Abanonotsi mpuzamakungu bari bitavye ihiganwa rya Marathon

Abanonotsi mpuzamakungu bari bitavye ihiganwa rya Marathon

lundi 1er Nyakanga 2014

Ishirahamwe BUMOC (Bujumbura Marathon Organization Comity) ryaratanguje ihiganwa ryo gusiganwa ryahuje ahanini Abarundi. Abana, abakuze na bamwe mu bihangange bizwi mu mahiganwa mpuzamakungu yo kwinonora imitsi yo muri Kenya bari bitavye iryo higanwa.

JPEG - 47.6 ko
Abana babaye aba mbere

Uburundi bwaratunganije ubwa mbere amahiganwa yo kwinonora imitsi, abanonotsi bari ku rugero rw’imyaka rutandukanye bagera ku 1200 bari bitavye. Hafsa Mossi, umwe mu bagize ishirahamwe BUMOC, avuga ko intumbero y’ihiganwa ari guhamagarira urwaruka kwitaho inkino cane cane, kuko abenshi baratejwe imbere n’ukwiruka, agasaba urwaruka rw’Uburundi kugira umwuga kwinonora imitsi kugira Uburundi busubire kuronka abanonotsi. Iyindi ntumbero ni iyo kwunga ubumwe n’igihugu ca Kenya kuko caciye kirungika abanonotsi b’ibihangange kugira bafashe Abarundi ku bijanye n’amahiganwa nk’ayo. Hafsa Mossi avuga kandi ko iryo higanwa ryateguwe mu ntumbero yo kurondera amahera yo kugarukira ku bacitse kw’icumu muri ya mvura yo mu Gatunguru.

JPEG - 52.4 ko
Hafsa Mossi

Abahiganwa birutse ibirometero 3, 10, na 21 (3Km, 10Km, na 21Km "Demi Marathon).

JPEG - 47.2 ko
Abateguye ihiganwa

Basiganywe uku gukurikira :

- Ku birometero 3 (3 km), ku bana b’abahungu

1) HAGERIMANA : Umudari y’inzahabu (Or)

2) Youssouf : Umudari w’umujumbu (Argent)

3) Sanongo Ibrahim : umudari w’umujumbu (Argent).

JPEG - 47.6 ko
Abana babaye aba mbere

- Ku birometero 3 (3 km), ku bana b’abakobwa

1) NDAYIKEZA Lodie : Umudari y’inzahabu (Or)

2) NIJIMBERE Lysette : Umudari w’umujumbu (Argent)

3) BATAMURIZA Joselyne : Umudari w’umujumbu (Argent),

- Ku birometero 3 (3 km), ku bahungu. Ab’inyuma y’imidari, bararonkejwe ibahasha, n’inzu yo kwinonora imitsi "Fitness Factory", tutamenye amahera arimwo

1) NZAMBIMANA Aloys

2) NKUNZIMANA Prosper

3) Richard.

- Ibirometero 10 ku bakobwa ( 10 km filles) :

1) HATUNGIMANA Yvette,

2) NIYOMUKUNZI Francine,

3) KARIRE Irene.

- Ibirometero 10 ku bahungu :

1) NIYOMUKIZA Jean Marie,

2) NZIKWIKNUNDA Onesphore,

3) BIGIRIMANA Hamas.

- Ibirometero 21 ku bakobwa nta murundikazi n’umwe yashoboye kuja muri uwo murwi ( 21 km "Demi Marathon" filles):

1) Lawrence ava muri Australiya

2) Tidwell,

- Ibirometero 21 ku bahungu ( 21 km "Demi Marathon" filles) :

1) NSENGIYUMVA Dieudonne,

2) NDAYIKUNDA Leonce,

3) INGABIRE Mechack,

Mwomenya ko abo bose bahawe imidari, abahiganywe bose hamwe bararonkejwe impapuro zerekana ko bitavye iryo higanwa. Hari hitavye abanonotsi bo ku rwego mpuzamakungu bo muri Kenya harimwo uwitwa "Wilson". Ihiganwa ryabaye kuri uwo w’Imana igenekerezo rya 31 Myandagaro muri "Jardin Public" kandi rizokwama biba ku mwaka ku mwaka.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.