IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Abanyagihugu bahamagarirwa kwitura amashirahamwe yobateza imbere bakava mu (...)

Abanyagihugu bahamagarirwa kwitura amashirahamwe yobateza imbere bakava mu bukene

dimanche 22 Ruhuhuma 2015

Reta yogira uruhara rukomeye mu gushigikira amashirahamwe mato mato yo kuguranana kugira abanyagihugu baronke amadeni ku nyugu ntonto, nk’uko bivugwa na Dieudonné Gahungu umwigisha muri za kaminuza.

Dieudonné Gahungu avuga ko amabanki ateza imbere abasanzwe bateye imbere mu gihe abakene batezwa imbere n’amashirahamwe yo kuguranana mato mato. Avuga ko hariho icigwa cakozwe cerekana ko mu Burundi, abantu bakorana n’amashirahamwe yo kuguranana bangana n’ibice 12%. Umuhinga Gahungu agahamagarira amashirahamwe yo kuguranana kwegera abanyagihugu kuko ayari hagati mu gihugu asanzwe ari make.

Ayariho nayo akayahamagarira gutanga amadeni mato mato yo gutunganya imigambi mito mito yotuma abanyagihugu bisununura. Uwo mwigisha muri za kaminuza, akaba ahamagarira abakiri bato kugira umuco wo kwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere n’iyo kuziganya mu mashirahamwe yo kuguranana, Reta nayo igafasha mu gushiraho amahinguriro y’ibifungurwa kuko hari igihe abanyagihugu bagira umwimbu munini, ugasanga baciye bawusesagura. Abatwara amabanki akavuga ko bakwiye kwicara hamwe bakagabanya imyidogo y’abikorera utwabo.

Dieudonné Gahungu akavuga kandi ko ayo mabanki yoraba ko abo yahaye ingurane bayikoresha ico bayisabiye, kandi akongera akaraba uburyo yotanga amadeni yo guteza imbere amahinguriro kugira mu Burundi, ibintu bigurirwa hanze bigabanuke kandi amahera y’amarundi agire agaciro.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.