Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Abanyamitahe bato bato baroroherezwa kugira barwize akazi
 Abanyamitahe bato bato baroroherezwa kugira barwize akazi
 Abanyamitahe bato bato baroroherezwa kugira barwize akazi
				
				dimanche 5 Rusama 2013
Amashirahamwe n’amahinguriro bigera ku jana na mirongo ibiri ku kwezi birahabwa uburenganzira bwo gukora mu Burundi. Ayo mashirahamwe n’amahinguriro bikaba bigeze ku mutahe w’imiliyaridi amajana icenda z’amafaranga y’amarundi.
Kuri ivyo, ubuzi bugera ku bihumbi bitandatu n’amajana atandatu na mirongo icenda(6690) nibwo bwashoboye gutangwa.
Tubishikirizwa na Adolphe Birehanisenge, umukuru w’igisata kijejwe iterambere mu rwego rujejwe kworohereza abanyamitahe n’abashaka gutanguza amashirahamwe mu Burundi API (Agence pour la Promotion des Investissements)
Adolphe Birehanisenge amenyesha ko biciye muri ico gisata API, ishirahamwe rishobora guhabwa uburenganzira bwo gutangura gukora mu kanya gato cane, harishwe n’amafaranga atavuna kuko ubu ageze ku bihumbi mirongo ine gusa vy’amafaranga y’amarundi.
Adolphe Birehanisenge aremeza ko amashirahamwe menshi afise ibibazo vy’imitahe ariko abamaze gutanguza imigambi bamenyesha ko ufise intumbero itomoye y’umugambi, umutahe uheza ukaboneka, kuko naho hotanguzwa amahera make araba arakora mu kurindira ko ayandi aboneka.
Egide Nduwimana
