Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Abarimyi basabwe kwitondera imbuto z’ibigori zivuye mu bihugu bine vya (...)
 Abarimyi basabwe kwitondera imbuto z’ibigori zivuye mu bihugu bine vya Afrika y’ubuseruko
 Abarimyi basabwe kwitondera imbuto z’ibigori zivuye mu bihugu bine vya Afrika y’ubuseruko
				
				jeudi 7 Munyonyo 2013
Ingwara itaramenyekana irabangamiye igiterwa c’ibigori mu bihugu bine arivyo Rwanda, Tanzaniya, Uganda na Kenya bigize umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko.
N’aho iyo ngwara itaribonekeza mu Burundi, Eliakim Sakayoya, umuyobozi ajejwe gukingira imbuto mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, ari nawe yamenyesheje ko iyo ngwara ihari avuga ko muri ivyo bihugu bigize umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko, iyo ngwara yagiye iraboneka mu myaka itandukanye. Mu gihugu ca Kenya, bayimenye mu mwaka w’2011, muri Tanzaniya no muri Uganda bayibonye mu mwaka w’2012, mu gihe mu gihugu kibanyi c’Urwanda bayibonye mu mwaka w’2013.
Eliakim Sakayoya, umuyobozi ajejwe gukingira imbuto mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi ntahakana amakenga ko iyo ngwara ishobora gufata n’ibiterwa vyo mu Burundi, ariko araremesha ko ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buguma bugenzura ko mu bigori vyimburwa mu Burundi ata bimenyetso vy’iyo ngwara vyoba bifise.
Uwo muyobozi asaba abarimyi bose kuba barabangiriye kugira imbuto z’ibigori zivuye muri ivyo bihugu bine, Rwanda, Kenya, Tanzaniya na Uganda. Asaba kandi abarimyi kubimenyesha mu gihe bobona ku bigori ibimenyetso batari bamenyereye.
Mwomenya ko ikigori cafashwe n’iyo ngwara gica cuma, hanyuma kigakorokera hasi ubutarariye.
Egide Nduwimana
