Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abazokina urukino rwa Burundi - Namibie bongewe agashirukabute
 Abazokina urukino rwa Burundi - Namibie bongewe agashirukabute
 Abazokina urukino rwa Burundi - Namibie bongewe agashirukabute
				
				jeudi 17 Ntwarante 2016, par
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) ryemereye abakinyi b’Intamba mu rugamba biteguriye urukino ruzohuza Uburundi na Namibie ko agashirukabute bazoronswa muri urwo rukino kavuye ku bihumbi amajana atanu vy’amarundi (500.000 Frs Bu), gashirwa ku bihumbi amajana indwi na mirongo itanu vy’amarundi (750.000 Frs Bu).
Iyo ngingo y’ukwongereza agashirukabute yafashwe na Révérien Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB), urwo rukino hagati y’Uburundi rukaba ruzoba kw’igenekerezo rya 26 Ntwarante 2016.
Amakuru atangwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi amenyesha ko abakinyi 12 bakina mu mirwi yo hanze y’igihugu c’Uburundi aribo bazotumwako muri urwo rukino, ariko hakaba hakiri igipfungu kuri Saido NTIBAZONKIZA bivugwa ko atazotumwako muri urwo rukino. Ibijanye n’imyiteguro y’urwo rukino tuzoyigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
 
- Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA
Hagati aho, ihiganwa rya Primus League rirabandanya, ku munsi waryo wa 27, imirwi ikaba izohura uku gukurikira :
Kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 18 Ntwarante 2016, isaha icenda
Aigle Noir - LLB-S4A (Bazokinira ku kibuga c’i Makamba)
Kuwa gatandatu igenekerezo rya 19 Ntwarante 2016, isaha icenda
Olympic Muremera - Messager Buja (Bazokinira i Ngozi : Stade Agasaka)
Nyanza United - Messager Ngozi (Bazokinira mu Rumonge : Stade Magara)
Ku w’Imana igenekerezo rya 20 Ntwarante 2016, isaha icenda
Flambeau de l’Est - Buja City (Bazokinira mu Ruyigi)
Les Crocos - Inter Stars (Bazokinira mu Rumonge)
Kuwa kabiri igenekerezo rya 23 Ntwarante 2016, isaha icenda
Muzinga - Les Eléphants (Bazokinira ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore)
IGIHE

Messages
17 Ntwarante 2016, 14:38, par rutare
naje hiyo. ntabonye SAIDO sinzosubira kuraba intamba, bazi kutumaramaza gusa.
17 Ntwarante 2016, 20:40, par Ndayisenga Léonard Bky.
Saido Mutamushizemwo Ntaco Mwanze.Kand Ntimwitege Gutsinda.Mber Sinzirirwa Ndaza Nuguta Amaso Yanj.Saido Niwihorere Ntacuzoba Sibo Baguhaye Ubuhinga.
18 Ntwarante 2016, 14:12, par niyonkuru jean claude
Nn Twe Tuzobimenya Gut?Ingene Vyagenze
19 Ntwarante 2016, 01:45, par Mike
ico,gituma batomutumako nuko bohamagaza komite hanyuma bakarab aharikosa bakaharaba hanyuma bagahanura ibintu bigasubir ukovyame.
19 Ntwarante 2016, 18:52, par DEWUSI
KOMUTATUMYEKO BERAHINO
28 Ndamukiza 2016, 14:27, par David
Jewe Nkeneye Kuro Urukino Bakinye