Accueil > Inkino > FOOTBALL > Amahiganwa ya CAN 2015 aratangura: Uko imirwi igabuye
 Amahiganwa ya CAN 2015 aratangura: Uko imirwi igabuye
 Amahiganwa ya CAN 2015 aratangura: Uko imirwi igabuye
				
				samedi 17 Nzero 2015
Hasigaye amasaha make ngo inkino z’ihiganwa ry’igikombe c’umupira w’amaguru muri Afrika zitangure (CAN 2015). Imirwi ishika 16 yo k’umugabane wa Afrika igabuwe mu mirwi ine n’iyo igiye guhiganirwa ico gikombe.
 
- Umurwi wa Nigeriya utsindiye igikombe ca CAN 2013
Ku ncuro ya 30 ku kibuga c’i Bata muri Guinee-Equatoriale(igihugu inkino zose zizoberamwo), igihe c’isaha icumi n’imwe z’umugoroba(17h00), umurwi wa Congo uratana mu mitwe n’umurwi wa Guinee Equatoriale mu rukino rwo kwugurura inkino. Inkino zizobera ku bibuga bikurikira: Bata, Ebebiyin, Mongomo na Malabo. Zizohera kw’igenekerezo rya 08 Ruhuhuma aho igihugu ca Maroc kizotsindwa impaga kubera canse kwakira izo nkino citwaje ubwoba bw’ikiza ca Ebola.
Imirwi nserukira bihugu igabuye mu murwi ine ikurikira:
A) Ikibuga: Bata
- Congo
- Burukina Faso
- Guinee Equatoriale
- Gabon
B) Ikibuga: Ebebiyin
 Zambie
 Zambie
 Tunisie
 Tunisie
 R.D. Congo
 R.D. Congo
 Cap Vert
 Cap Vert
c) Ikibuga: Mongomo
 Ghana
 Ghana
 Algerie
 Algerie
 Afrique du Sud
 Afrique du Sud
 Senegal
 Senegal
D) Ikibuga: Malabo
- Cote d’Ivoire
- Guinee
- Cameroun
- Mali
Mwomenya ko igikombe co mu mwaka w’i 2013 catsindiye igihugu ca Nigeriya ku gitsindo kimwe ico gihugu catsinze igihugu ca Burkina Faso
Cherif Nkeshimana
