Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Amashirahamwe matomato agiye gutangura kuriha ikori
 Amashirahamwe matomato agiye gutangura kuriha ikori
 Amashirahamwe matomato agiye gutangura kuriha ikori
				
				mardi 14 Rusama 2013
Ibihugu cumi n’umunani vyo muri Afrika biri mu nama i Bujumbura kuva kuri uyu wa 13 Rusama 2013, mu nama yo guhana hana ivyiyummviro ku bijanye no gutanga ikori ku mashirahamwe matomato.
Nk’uko umupfasoni Chantal Ruvakubusa asanzwe akora mu murwi w’igihugu ujejwe kwegeranya amakori OBR yabimenyesheje, avuga ko abari mu gisata co kwegeranya amakori ya leta bari mu nama y’iminsi itanu, mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro mu gutangisha amakori amashirahamwe matomato kugira ikigega ca Leta naco kihatorere akoyokwe.
Umupfasoni Ruvakubusa, amenyesha ko nko mu gihugu c’Uburundi, amashirahamwe matomato ashika ku bihumbi bitandatu, kandi muri ayo nyene harimwo amwe amwe adatanga amakori.
Ruvakubusa rero akibutsa ko hari itegeko ryatowe mu mwaka uheze, rivuga ko umuntu wese ategerezwa gutanga ikori baravye uburyo n’ubushobozi afise.
Umupfasoni Chantal Ruvakubusa aheraheza amenyesha ko mu minsi yavuba , abantu batariha ikori bahurikiye muri mwene ayo mashirahamwe, ikigo OBR kigiye kubahagurukira kugira barihe ikori hisunzwe uburyo bafise.
Floxella Karire
