Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ayew yahawe agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa mbere (...)
 Ayew yahawe agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa mbere kw’ihiganwa
 Ayew yahawe agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa mbere kw’ihiganwa
				
				samedi 12 Nyakanga 2015
Umukinyi Andre Ayew Dede w’imyaka 25,avuka mu gihugu ca Ghana akinira umurwi wa Swansea city mu gihugu c’Ubwongereza, niwe yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa Myandagaro mw’ihiganwa ry’Ubwongereza.
Ikinyamakuru Allsports, canditse ko, Ayew Dede yariko ahiganirwa ako gashimwe n’abandi bakinyi bakomeye nk’umusatirizi Bafetimbi Gomis bakinana muri Swansea,hamwe na David Silva na Aleksandar Kolarov bose bakinira umurwi wa Manchester city.
Mu kwezi kwa mbere agishika mu murwi wa Swansea, yaribonekeje cane akaba amaze kuwutsindira ibitsindo bitatu, mu nkino zine amaze kuwukinira kuva ihiganwa ry’Ubwongereza ritangura.
Ahejeje kuronka ako gashimwe ,Ayew Dede yavuze ko kivuye mu gukora cane kwiwe kandi abifashijwemwo na bagenzi biwe bakinana mu murwi wa Swansea. Yavuze ko ako gashimwe kamushimishije kandi ashimira nabo bakinana kuko aribo bamufashije gukora ivyo yakoze,aca avuga ko ako gashimwe ari ako umurwi wose.
Yashimiye abakinyi yasanze mu murwi wa Swansea, kuko bamufashije kumenyera mu Bwongereza, kandi bamusigurira uko ihiganwa ry’Ubwongereza ritunganijwe. André Ayew Dede yagiye gukinira umurwi wa Swansea,avuye mu murwi wa Marseille.
Van Naris Mugisha
