Accueil > Inkino > FOOTBALL > AZAM TV yatanguye kwerekana inkino zo mu cicaro ca mbere mu (...)
 AZAM TV yatanguye kwerekana inkino zo mu cicaro ca mbere mu Burundi
 AZAM TV yatanguye kwerekana inkino zo mu cicaro ca mbere mu Burundi
				
				dimanche 13 Nyakanga 2015
Imboneshakure yo mu gihugu ca Tanzaniya AZAM TV yatanguye kwerekana inkino z’ihiganwa Primus Ligue mu Burundi,kuwa gatandatu igenekerezo rya 12 Nyakanga 2015.
Urukino rwa mbere rw’ihiganwa ryo mu Burundi rwaciye ku mboneshakure AZAM TV,rwahuje umurwi wa Messager Ngozi na Aigle Noir y’i Makamba,urwo rukino rwabereye ku kibuga Rukundo co mu ntara ya Ngozi.
AZAM TV yatanguye kwerekana inkino zo mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi ,inyuma y’amasezerano bagiraniye n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB agaterwako umukono kw’igenekerezo rya 8 Nzero 2015.
Muri ayo masezerano nyene,bitegekanijwe ko AZAM TV izotanga amafaranga angana n’ibihumbi 80 vy’amadorare y’abanyamerika ku mwaka,yo gushigikira ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.
Mu ntumbero yo kubandanya ayo masezerano,kuri uno w’Imana igenekerezo rya 13 Nyakanga 2015,imboneshakure AZAM TV irerekana urukino ruhuza umurwi wa Vitalo FC na Flambeau de l’Est yo mu Ruyigi,urukino rubera ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore,kuva isaha icenda y’umuhingamo.
Van Naris Mugisha

Messages
13 Nyakanga 2015, 11:29, par Esdn Emjmbod
none kose muburundi idafata!
13 Nyakanga 2015, 11:39, par Amateur des info
Bonjour, hagire un volontaire unsubiza. Ese television y’uburundi yaba iba mu machaines ya canal plus? Ni chaine ya kangahe? Mbonaho iz’ibindi bihugu surtout francophones ari iy’i Burundi sinjya nyibona! Murakoze. Congrats kuri FFB et AZAM TV!
13 Nyakanga 2015, 16:00, par Iragiryagahuturemy
AZAM TV. TURAYIKEJE NUBWO DUKOMEJE GUFUNAFUMA KUMA TV YACU TURONDEZA UMURONGO TWOYIKURIKIRANIRAKO TWABUZE TURASABA RTNB IFASHE ABENEGIHUGU MUKUTUBWIRA UKODUSHOBORA GUKURIKIRANA AZAM TV CANKE ABABENE IKIKINYAMAKURU BABITWANDIKIRE NGAHA.
13 Nyakanga 2015, 18:50, par nestor
uburundi buguma busubira inyuma ntibujana nibihe Toujours analogique
13 Nyakanga 2015, 20:27, par bakire louis marie
Twashaka tubasabe aba azam ko botubwira aho twogurira decoder zabo bishoboste amatangazo ace ku radio na television yigihugu gutyo dushobore gukurikirana championa neza.
15 Nyakanga 2015, 02:17, par Nsengiyumva Renovat
Nivyiza Nivyotwashaka.None Izokwerekana Inkino Zose?
14 Rusama 2017, 06:31, par Leonard Jonas
Nivyiza Ariko Nkatwebw 2ri Mu Tz Kwatazo Dukunda Kubona