IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ballon d’Or : Neymar Junior yashizwe muri batatu bahiganwa

Ballon d’Or : Neymar Junior yashizwe muri batatu bahiganwa

mardi 1er Kigarama 2015, par egide

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, ryasohoye urutonde rw’abakinyi batatu bazotorwamo umwe uzotahira umupira w’inzahabu uhabwa umukinyi yarushije abandi mu mwaka.

Kuri urwo rutonde rw’abakinyi batatu, babiri muribo ni abakinyi ba FC Barcelone, bagizwe na Neymar Junior wo mu gihugu ca Brésil agiye kuri urwo rutonde rwa batata irya mbere, hamwe na Lionel Messi wo mu gihugu ca Argentine. Umukinyi agira gatatu kuri urwo rutonde ni uwusanzwe ariwe afise uwo mupira w’inzahabu wo mu mwaka uheze, akaba ari umukinyi Christiano Ronaldo wa Real Madrid asanzwe avuka muri Portugal.

Ku cicaro gikuru c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, i Zürich muri Suisse, kw’igenekerezo rya 11 Nzero 2016, niho hazovugirwa izina ry’umwe muri abo batatu azoba yatahiye uwo mupira w’inzahabu.

Batatu bahiganwa

Neymar Junior

Lionel Messi

Christiano Ronaldo


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.