IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Beijing 2015:Usain Bolt yabaye uwa mbere ku metero 200 asize uwundi (...)

Beijing 2015:Usain Bolt yabaye uwa mbere ku metero 200 asize uwundi munyajamayika

vendredi 28 Myandagaro 2015

Umunonotsi ava mu gihugu ca Jamaica Usain Bolt yabaye uwa mbere mu kwiruka metero 200 mw’ihiganwa mpuzamakungu ryo kunonora imitsi,ririko ribera i Beijing mu gihugu c’Ubushinwa.

Usain Bolt yirutse imetero amajana abiri,mu mwanya w’amasegonda 19 n’ivyijana 56.
Umunonotsi Usain Bolt yabaye uwa mbere asize mugenzi we ava mu gihugu ca Jamaica nyene Justin Gatlin.

Ubaye umudari ugira icumi w’inzahabu,mu mahiganwa y ‘isi,ukaba kandi umudari aronse ku metero amajana abiri ku ncuro zine zikurikirana.

Usain Bolt yaheruka gutahukana umudari w’inzahabu muri ayo mahiganwa nyene ,abaye uwa mbere mu kwiruka imetero ijana.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.