IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Bujumbura : Ihuriro ry’Urwaruka

Bujumbura : Ihuriro ry’Urwaruka

lundi 21 Mukakaro 2014

Mu gihe urwaruka ruri mu buruhuko usanga ruri mu bikorwa bitandukanye haba ivy’aho ruhurira hamwe gukora ibikorwa, urundi narwo rurahurira mu mahuriro y’amasengesho.

Kuva kuri uyu wa 23 gushika ku wa 27 Mukakaro, urwaruka ruva mu mihingo yose y’igihugu, ruzohurira muri paroise yitiriwe umwerenda Michel i Bujumbura, aho urwo rwaruka ruzokoranira hamwe ku civugo kigira giti :’’ Ukwemera muri Yezu Kirisu’’. Muri iryo huriro rizomara iminsi ine, urwaruka ruzoyitaba rukazoboneraho akanya ko kumenyana, kurwiza urukundo hagati yabo, kandi no mu budasa bwabo. Abo bana bazoza muri iryo huriro, bakaba bazokwakirirwa mu miryango itandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko bivugwa na Patiri Ignace Nkurunziza ari mu bariko barategura iryo huriro, avuga ko abo bazakirwa mu miryango batazinanye, azoba ari uburyo bwo kugaragaza urukundo, gukunda mugenzawe kandi utamuzi, ariko ukamwakira mu gasangira ivyo mufise uko vyoba biri kose.

Mwomenya ko ibirori vyo kwugurura iryo huriro, bizoba kuri uyu wa 23 Mukakaro. Iyo minsi yose urwo rwaruka ruzomara, rukazoshobora kuronswa inyigisho zitandukanye. Imisa yo gusozera iryo huriro, ikazobera ku musozi wa Siyoni i Gikungu ku wa 27 Mukakaro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.