Accueil > Ukwemera > Burundi: Aba Islamu barakenguruka umwidegemvyo bafise mu kwemera (...)
 Burundi: Aba Islamu barakenguruka umwidegemvyo bafise mu kwemera kwabo
 Burundi: Aba Islamu barakenguruka umwidegemvyo bafise mu kwemera kwabo 
				
				jeudi 24 Gitugutu 2013
Aba Islamu bo mu Burundi barashima kubona bafise umwidegemvyo mu kwemera kwabo. Ikimenyamenya, ni ukwo Leta y’Uburundi yagiye irabemerera guhimbaza iminsi mikuru yemerwa n’igitabu cabo Korowani.
Saïdi Juma avuga ko anezerezwa cane n’ingene ibikorwa vy’idini rya Islamu mu Burundi bitera bija imbere n’aho rimwe rimwe gacamwo, ibere rikayaga kuko bamwe mu ndongozi bishika bagashira inyungu zabo imbere, hagaca haba ukutumvikana. Ariko kandi avuga ko Leta ishigikira cane ibikorwa vy’iryo dini kuko inahanura ababa bacanyemwo bagasubiza hamwe. Ahamagarira Aba Islamu bose kwama na ntaryo bafise umutima w’urukundo nk’uko intumwa y’Imana Mohamad yabikora.
Mugisha Hasani we ati “aba Islamu turafise umwidegemvyo mu kwemera kwacu. Uwo mwidegemvyo tuwukesha amategeko meza y’igihugu n’abayubahiriza. Ni co gituma dukwiye guterera mu mutekano w’igihugu cacu cama na ntaryo cibaza ko abakora ibikorwa vy’iterabwoba bashobora kugitera. Dukwiye kuba imbere y’abandi mu kurwanya ibikorwa vy’iterabwoba na rirya ababikora batwiyitirira”.
Ku bwiwe rero, kubona Aburahamu yaratanze ikimazi ku mwana wiwe, maze Imana ibonye ukwizera kwiwe igaca imwereka intama atangako ikimazi, ukwo kwizera kwobera akarorero abantu bose na cane cane abari mw’idini rya Islamu, kuko uwemera nyakuri, ntakora ikibi na kimwe ahubwo yamana umutima w’urukundo.
Aristide Nizigire

Messages
12 Mukakaro 2015, 08:16, par F
nivyiza ko abaisilmu twoba bamwe