Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Burundi : Impinga iracari ndende mu bijanye n’ukurwanya inzara
 Burundi : Impinga iracari ndende mu bijanye n’ukurwanya inzara
 Burundi : Impinga iracari ndende mu bijanye n’ukurwanya inzara
				
				dimanche 22 Ruheshi 2014
Uburundi buracari mu bihugu bibangamiwe n’inzara, ibice 45 kw’ijana akaba ari ababangamiwe no gufungura nabi, na cane cane abana bari munsi y’imyaka itanu, abagore bibungenze n’abavyeyi bonsa.
Inyuma y’isozerwa y’inama rukokoma y’uburimyi n’ubworozi, umushikiranganji Odette Kayitesi yamenyesheje ko naho Uburundi bwateye intambwe ku bijanye no gufungura nabi, mu kuva ku bice 58 kw’ijana bukaja ku bice 50 kw’ijana, hakiri intambwe itari nto mu kurwanya ugufungura nabi.
Ku bijanye n’imvo nyamukuru zituma haba ugufungura nabi mu Burundi, Deo Guide Rurema, ayoboye igisata kijejwe gufungura neza mu Burundi, avuga ko ahanini biterwa n’irwirirana ry’abantu, ugutituka kw’isi, ihinduka ry’ibirere hamwe nuko abantu batarumva neza umugambi wo gufungura neza. Bimwe mu vyashitsweko mu nama rukokoma yakoranije abegwa n’igisata c’uburimyi n’ubworozi, mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo kijanye no gufungura nabi mu Burundi, akaba ari ugushigikira ikigo gisanzwe gihingura ibifungurwa, CNTA (Centre National des Technologies Alimentaires kugira gikurikiranire hafi ibijanye n’ibifungurwa.
Reta y’Uburundi ikamenyesha ko ico kibazo yagihagurukiye, ikaba yaratanguje umugambi wo kurwanya gufungura nabi, kuba mu mwaka w’I 2012, mu mwaka w’I 2013 akaba ariho washirwa mu ngiro.
Mariella Bukuru
