Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bururi: Umwimbu wifashe neza
 Bururi: Umwimbu wifashe neza
 Bururi: Umwimbu wifashe neza
				
				mercredi 28 Myandagaro 2013
Umwimbu wagenze neza mu ntara ya Bururi nk’uko bivurwa n’uwurongoye uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara. Intara ya Bururi isanzwe igizwe n’intara kama zitandukanye, n’uburimyi usanga bwisunga igihen n’intara kama iba irimwo.
Muri uyu mwaka, intara ya Bururi ntangorane yagize bujanye n’umwimbu. Umuyobozi w’uburumyi n’ubworozi muri iyo ntara ya Bururi Bernard Habonimana, avuga ko umwimbu wagenze neza mu ntara kama za Bututsi, Imbo, Mumirwa no mu mugamba. Abarimyi rero  bararonse umwimbu ukwiriye mu bihe bibiri vy’irima.
Habonimana avuga ko Leta ifasha cane mu bijanye n’umwimbu kuko yatanze umwavu, ndetse n’uwundi wibitungwa urabafasha. Ikindi ni abigisha b’indimo barwijwe muri iyo ntara, bafasha mu kwigisha abo barimyi.
Ariko rero naho biri ukwo, Bernard Habonimana avuga ko abanyagihugu bidoga ko abo bahinga b’indimo badakora cane. Kuri ico rero ubuyobozi bw’uburimyi n’ubworozi ntiburera amaboko kuko umwigisha w’indimo atunzwe agatoke n’abanyagihugu aheza agakurikiranwa vuba bwango, agahanwa. Muri iyo ntara rero, abanyagihugu basanzwe barima cane umuceri, imyumbati, ibigori, ibiraya, ibiharage, ibigazi, icayi n’ibitoke
Aristide Nizigire
