Accueil > Ukwemera > Abakristo > Businde: abayoboke ba Zebiya bashwiragijwe n’abajejwe umutekano
 Businde: abayoboke ba Zebiya bashwiragijwe n’abajejwe umutekano
 Businde: abayoboke ba Zebiya bashwiragijwe n’abajejwe umutekano
				
				mardi 12 Ntwarante 2013
Kuri uno musi wa kabiri igenekerezo rya 12 ntwarante2013, abayoboke ba Zebiya Ngendakumana bazindutse baja gusengera I businde bakaba bari bitwaje ubuhiri, imipanga n’ibindi.
Abajejwe umutekano bashatse ku bashwiragiza ariko barananirana muri iyo mishamirano hakaba hapfuye abayoboke ba Zebiya batanu hamwe na mirongo ibiri bakomeretse .Iyo nkuru tukaza kuyigarukako mu masaha ari imbere.
 
- Abantu 6 bapfuye
Floxella Karire

Messages
13 Ntwarante 2013, 09:42, par Marc
Birababaje cane kubona police y’Uburundi yama ikoresha inguvu kukantu kose kabaye!Ibuke namwe abanyeshure 2 bapfuye muri Kaminuza y’Uburundi mu kigo co ku Mutanga, gaz lacrimogène bateye abemenyeshamakuru,akamararamaza nibi vy’i Businde!Abategetsi muri utwo turorero natanze muri twinshi bagaca batweruka bagashimira inzego z’umutekano!Nasabako Sentare mpuzamakungu yoza irandika ivyo bikorwa umusi uri izina ikazokora
14 Ntwarante 2013, 04:20, par kamayirese
birababaje cane gyose kubona abarundi mupfa ubusa gyose amaraso araseseka ntayorwa ubwo se abana muhinduye imfubyi bazorerwa nande?Muce mwisubiraho cane rwose
14 Ntwarante 2013, 08:21
bITEYE AGAHINDA N’ISONI KUMVA AAMJAMBO MINISTRE EDWARD YAVUZE BIRYA BAVYITA KWERURA,IVYARIVYO VYOSE BAMENYEKO AMARASO ASESETS MUGIHUGU KO ARI UMUVUMO,KANDI AMARIRA ABARUNDI BARIKO BARIRA NTAZIJANA,NDAHOJEJ IMIRYANGO YABUZE