Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAN 2017:Umunsi wa kabiri w’inkino zo gukurakuranamwo waranzwe (...)
 CAN 2017:Umunsi wa kabiri w’inkino zo gukurakuranamwo waranzwe n’ibitangaza
 CAN 2017:Umunsi wa kabiri w’inkino zo gukurakuranamwo waranzwe n’ibitangaza
				
				dimanche 6 Nyakanga 2015
Umunsi wa kabiri w’inkino zo gukurakuranamwo barondera imirwi izoja mw’ihiganwa ry’imirwi nserukira bihugu mu mupira w’amaguru rizobera mu gihugu ca Gabon waranzwe n’ibitangaza vyinshi.
Igitangaza ca mbere ni itsindwa ry’umurwi nserukira gihugu wa Burkina faso n’umurwi wa Botswana.Umurwi nserukira gihugu wa Botswana uza mu kibanza ca 118 ku rutonde rwa FIFA,ntiwatinye gutsinda Burkina Faso igitsindo kimwe ku busa bwa Burkina Faso washitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri CAN 2013.
Ikindi gitangaza mu mupira w’amaguru ku rwego rwa Afrika,ni intsinzi y’umurwi nserukira gihugu wa Sudani y’Epfo,imbere y’umurwi wa Guinee Equatoriale,ku ntsinzi y’igitsindo kimwe ku busa bwa Guinee Equatoriale.
Igihugu ca Sudani y’Epfi cemewe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA mu mwaka w’2012,mu gihe Guinee Equatoriale yashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri CAN 2015.
Umurwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba watsinze umurwi wa Niger ibitsindo bibiri k’ubusa,ivyaheruka kuboneka haraheza igihe,muri uwo mwanya nyene umurwi nserukira gihugu wa Nijeriya wanganije ubusa ku bundi n’umurwi wa Tanzaniya.
Imirwi nserukira bihugu ya Tunisie na Afrika y’Epfo niyo yatangaje abantu mu gihe izwi ko ari imirwi ikomeye ku mugabane wa Afrika.Umurwi wa Tuniziya watsinzwe n’umurwi wa Liberiya ku gitsindo kimwe ku busa,mu gihe umurwi wa Afrika y’Epfo watsinzwe na Mauritaninie ibitsindo bitatu ku gitsindo kimwe.
Van Naris Mugisha

Messages
6 Nyakanga 2015, 08:57, par Intamba
Komera intamba mu rugamba turabashigikiye.None Uburundi buca bubandanya?Buzokina na nde?
6 Nyakanga 2015, 09:07, par Burundi
Komera Intamba mu Rugamba turabashigikiye.None retour ni ryari?Cke Uburundi buca bubandanya.
6 Nyakanga 2015, 13:19, par musa
ibi ni sawa sawa!! n’ibindi vyiza Imana yarabiyaze kuburundi, dushire hamwe ivyiza birimbere. felicitation ku ntamba kurugamba kugateka bateye igihugu cuburundi.
6 Nyakanga 2015, 13:38, par mututsikazi
None urwanda rwo rwaratsinze?? Abanyarwanda ni abiyemezi n’ibigambo gusa ntabikorwa.
6 Nyakanga 2015, 16:32, par None?
Intambamurugamba ndabakeje nakare sinoreka kwikeza mbentabakeje nokezande? Ubwambere nimwebwe muserikira igihugu canje cacu cu Burundi, ubwakabiri nihonoheza nkashigikira incuti nabagenzi zomubindibihugu. Rekandangize nshimira abarundi basanzwebakinira mubindibihugu bajekwifatikanya nabagenzibabo bakorera ngaha Burundi. Rekanongere nupfurize abandibarundi bakinira mubihuguvyohanze baribipfuje kuzagufatikanya nabagenzibabo ariko bakazakurwara twovuga nkuwaciye ahinyagara kuruwo nokubandirero tubigirije gukira nokimererwaneza. Tugire Intamba muruhamba Burundi.
7 Nyakanga 2015, 13:50, par Mufana
Abakunz b’intamba twaranezerejw n’intsinz y’intamb zacu pé
8 Nyakanga 2015, 07:31, par Eric
Intamba murugamba Nimtwari Murugamba Umuriri Muzima Numtima Rugabo Komera Sha
8 Nyakanga 2015, 17:08, par GAPENA I BUTAGANZWA
Big Up Sana Turakeje Intamba Murugamba N’inkino Zizokwirikira Zize Zivyifatemwo Neza.Felicitation We Abdulasac Fisto Hamwe Na Abasse
10 Nyakanga 2015, 20:16, par PROSPER NGOZI
FELICITATION NATWE NGAHA MUNKAMBI YA MAHAMA TURABAKUNDA SANA NAHO ARI HABI
19 Nyakanga 2015, 21:15, par Kabura Etienne
intamba murugamba nizibandany zitera agataka i burundi natw abakunzi bayo turinyuma ntakibuza na can can ubu turafis indanga mumupira w amaguru nka:SAIDO Berahino Na SAIDO Ntibazonkiza Ubu Akinira Caen Umugwi Wo Mubufaransa Uza Mucicaro Cambere
26 Nyakanga 2015, 10:03, par denison
iyaba mukomeye mwakabaye muza muri miromgo zambere kwisi amavubi kumwanya wa 68 naho mwe ku132 ku isi yabazima.
26 Nyakanga 2015, 10:07, par denison
igitekerezo cyange ko cyitagaragara reka mbasubize mwakinnye na nigeri niyanyuma kwisi twe twakinnye na ghana urumva duhuriyehe.
24 Ruhuhuma 2016, 15:28, par Anaclet Niyonkuru
Ndashimiye.Abakinyi. B Intamba Murugamba Ukungene Bateye Iteka Igihugu C Uburundi
7 Ntwarante 2016, 18:59, par NSENGIYUMVA VÉNANT
NDI NSENGA MUBURUNDI NDAKEJE UMURWI WACU W’INTAMBA MURUGAMBA KU NTSINZI WARAYE UTAHANYE.
13 Rusama 2016, 06:28, par FERIX
Agatekankako ntitwagaheruka Imana irakurakucavu Intamba nizeterezija imbere tuzeyamashurwe SONGAMBERE
4 Ntwarante 2017, 09:39, par Nizigiyimana Jean Berchmans
Ntibitagaj Nibisîk
14 Ntwarante 2017, 19:41, par Rivuzimana Gédéon
Nsaba Amakuru Y’nkino Y’umurwi Wa F C Barcelona
13 Ndamukiza 2017, 13:00, par Nsemgumuremyi Jules
Ndasimye Abo Barundi Benewacu Bakoze Igikorwa Nkico Nibakomereze Aho.