Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Cankuzo: Bariteguriye iterambere rirama
 Cankuzo: Bariteguriye iterambere rirama
 Cankuzo: Bariteguriye iterambere rirama
				
				lundi 29 Mukakaro 2013
Intara ya Cankuzo iriteguye gushika kw’iterambere rirarama ryo mu mwaka w’2020. Iyo ntara ikaba yaramaze gutora ibisata bitandukanye izokoreramwo, kandi hakaba haratanguye n’ivyirwa muri ivyo bisata, nk’uko bimenyeshwa na Jean-Berchimas Niragira buramatari w’intara ya Cankuzo.
Mu bisata bizitatwararikwa cane kuruta ibindi muri uyo mugambi w’iterambere rirama ni indero, uburimyi n’ubworozi, igisata c’amagara y’abantu n’ic’ingenzi. Avuga ko mu gisata cose, hari ivyirwa vyagikozweko. Ku bwa Niragira Jean Berchimas buramatari w’intara ya Cankuzo, amenyesha ko kubijanye n’igisata c’indero bariko barubaka amasomero ashika kw’132, azofasha umugambi w’ishure nshingiro, n’amashure y’amakomine 56.
Ikindi, ni ukwo hari umugambi w’ukwubaka kaminuza ya Cankuzo. Izindi nyubakwa, ni nk’ibibuga vy’inkino vya kijambere mu makomine ya Kigamba na Gisagara. Inyubakwa z’amanama nazo ziriko zirubakwa mu makomine ya Mishiha na Gisagara.
Ku bijanye n’uburimyi n’ubworozi, buramatari w’intara ya Cankuzo avuga ko bamaze gutera ibigazi bishika ku majana ane hamwe n’ivyamwa. Inanasi zishika ku miriyoni 18 nizo bipfuza gushikako mu gutera. Ku ruhande rw’abanyagihugu, baramaze gutera amahegitari ashika ku 200 y’ibitoke, n’amahegitari ashika ku 1600  y’igiterwa c’umuceri.
Mu gisata c’amagara y’abantu, harubatswe inyubakwa nkuru y’ibitaro vy’iyo ntara hamwe n’amavuriro abiri yasanuwe. Muri ivyo bikorwa vyaranguwe, abanyagihugu bariyegeranya bagakora kabiri mw’iyinga kugira bakore ivyo bikorwa vy’iterambere y’intara yabo. Arangiza asaba abagiraneza gufasha mu kubaronsa ibikoresho biba bikenewe. Abandanya amenyesha ko hari abari baremeye gufasha, ariko kubera ingorane mu vy’ubutunzi ntibaheza ngo bashitse ivyo bari baremeye.
Aristide Nizigire
