IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CECAFA Kagame Cup: LL S4A urakina urukino rwa kabiri na El Shandy

CECAFA Kagame Cup: LL S4A urakina urukino rwa kabiri na El Shandy

mardi 21 Mukakaro 2015

Umurwi Lydia Ludic S4A urakina urukino rwawo rwa kabiri,ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 21 Mukakaro,mw’ihiganwa rya CECAFA Kagame Cup 2015.Uhura n’umurwi El Shandy wo mu gihugu ca Sudani.

Urwo rukino rutangura igihe c’isaha umunani,ni urukino ruhambaye ku murwi Lydia Ludic S4A kuko arirwo ruza kwerekana ko,uwo murwi ushobora kubandanya ihiganwa imbere y’uko utana mu mitwe na APR FC wo mu gihugu c’Urwanda.

Umumenyereza Emmanuel Bankuwiha yashimye gutanguza abakinyi bashasha,mu gihe Abdallah na Fabrice batazira Messi bataza kuba bari mu kibuga,hiyongerako Youssouf Lule asanzwe arwaye.

Umumenyereza yashimye gutanguza mu kibuga :Madede,Chancel Ndaye ,Kiza Fataki ,Issa Vidic ari nawe kizigenza,Lucio Manirakiza,Gael Duhayindavyi,Amuri Bonifa,Iddy Djuma Said Ballack,Abbas Nshimirimana,Ndarusanze Claude na Amani Boniface.

Lydia Ludic S4A isangiye umurwi B na El Shand yo muri Soudan,APR yo mu Rwanda na Hegan yo muri Somalia.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.