IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CECAFA Kagame Cup:LL Sports4Africa yaronse inota rimwe mu rukino rwa (...)

CECAFA Kagame Cup:LL Sports4Africa yaronse inota rimwe mu rukino rwa mbere

lundi 20 Mukakaro 2015

Umurwi Lydia Ludic Sports4Africa waserukiye Uburundi watahukanye inota rimwe mu rukino rwa mbere rw’ihiganwa CECAFA Kagame Cup ririko ribera i Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.

Urwo rukino rwa mbere rwabaye kuw’Imana igenekerezo rya 19 Mukakaro 2015,rwawuhuje n’umurwi Hegan FC wo mu gihugu ca Somaliya,urukino rwarangiye imirwi yose inganije ubusa ku bundi(0-0).

Mu gice ca mbere imirwi yose yakina yerekana ko ikeneye intsinzi,ariko igice ca mbere kirangira ata winjije igitsindo.Mu gice ca kabiri umumenyereza wa LLB Sport4Africa,yarinjije abakinyi bashasha ariko ntacahindutse kuko,urukino rwarangiye atawinjije mw’izamu ry’uwundi.

Inyuma y’urukino,umumenyereza w’umurwi Lydia Ludic Sport4Africa Mayele abicishije mu kinyamakuru indundi Sport,yaneguye uko abahagarikizi bavyifashemwo,kuko bitwaye nabi,aca yizeza ko mu nkino zikurikira umurwi LLB Sport4Africa uzokwigenza neza.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.