Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN 2014 : Uburundi bwaramenye imirwi bazokina
 CHAN 2014 : Uburundi bwaramenye imirwi bazokina
 CHAN 2014 : Uburundi bwaramenye imirwi bazokina
				
				samedi 21 Nyakanga 2013
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Afrika ryaratungaije ijonjora mu ntumbero yo kumenya uko imirwi izokina mw’ihiganwa "CHAN 2014", ritegekanijwe mu kwezi kwa Nzero umwaka w’2014, mu gihugu ca Afrika y’epfo. Igihugu c’Uburundi naco nyene kizokwitaba iryo higanwa ubwa mbere, kirikumwe n’ibihugu vya RD Congo, Gabon na Mauritanie, mu murwi wa D.
Muri iryo jonjora ryabereye ku cicaro gikuru c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Afrika, bahisemwo uko imirwi izokina mw’ihiganwa ry’imirwi nserukirabihugu y’abakinyi bakina mu bihugu iwabo, ihiganwa rizobera muri Afrika y’epfo, kuva kw’igenekerezo rya 11 Nzero gushika kurya mbere Ruhuhuma umwaka w’2014.
Ng’uku uko imirwi nserukira bihugu izokina :
Umurwi A : Afrique du Sud , Mozambique, Nigeria, Mali.
Umurwi B : Zimbabwe, Ouganda, Burkina Faso, Maroc.
Umurwi C : Ghana, Libye, Ethiopie, Congo.
Umurwi D : RD Congo, Gabon, Burundi, Mauritanie.
 
- Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’abakinyi bari mu mahiganwa yo mu Burundi (les locaux)
Egide Nduwimana
