IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN 2016: Intamba mu Rugamba zatsinze Djibouti

CHAN 2016: Intamba mu Rugamba zatsinze Djibouti

lundi 22 Ruheshi 2015

Mu rukino rwa mbere rwo gukurakuranamwo mu kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rya CHAN 2016 rizobera mu Rwanda,Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba w’abakinira mu gihugu,watsinze umurwi nserukiragihugu wa Djibouti,ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe ca Djibouti.

Mu gice ca mbere c’urukino,imirwi yose yaje yerekana ko ikeneye intsinzi,mbere ku munota wa kabiri gusa,umukinyi Bizimana Hassan akinira umurwi Inter Star arahusha igitsindo ari kumwe n’umukinyegori wa Djibouti.

Ku munota wa 34,umukinyi nimero 9 wa Djibouti yarateye umupira ugwa ku giti c’igoli ariko igitsindo nticabonetse.Igice ca mbere kirangira ata murwi utsinze uwundi.

Mu gice ca kabiri niho ibintu vyahindutse,kuko umukinyi Hassan Bizimana yahavuye atsinda igitsindo ca mbere c’intamba mu rugamba,ariko mu mwanya muto umukinyi nimero icenda arakigombora.

Uburundi bwatahukanye intsinzi,inyuma y’igitsindo cinjijwe n’umukinyi Nahimana Shassir ku mupira uhanahanywe neza hagati ya Laudit Mavugo,Hussein Shabani na Abassi.Urukino rwarangiye ku ntsinzi y’ibitsindo bibiri vy’Uburundi n’igitsindo kimwe ca Djibouti.

Urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe mu ndwi zibiri i Bujumbura.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.