IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Cibitoke: Amashengero yahawe indwi 2 kugira abe yatanze ivyangombwa

Cibitoke: Amashengero yahawe indwi 2 kugira abe yatanze ivyangombwa

vendredi 15 Ntwarante 2013

Buramatari w’intara ya Cibitoke yagiranye inama n’abarongoye amashengero, abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano. Basanze amashengero ari mu bituma umutekano uhunganabana. Yaciye aha indwi zibiri amashengero yose kugira abe yatanze ibisabwa n’amategeko, gutyo ayadakwije ibisabwa yugarwe.

Buramatari w’intara ya Cibitoke amenyesha ko amashengero akorera mu ntara ya Cibitoke yabaye umurengera. Ngo hari ayakorera mu mazu y’abantu, ayafise abantu bake, ayakorerwamwo ubusambanyi hamwe n’ubundi bubisha.

Buramatari Anselme Nsabimana yabivugiye mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro hamwe n’abajejwe umutekano kuri uyu wa kane italike 14Ntwarante 2013. Bariko barabira hamwe ingene bobuza ibintu vyose bihugungabanya umutekano w’abanyagihugu.

Abajejwe intwaro ku mitumba bamenyesheje ko hariho amashengero agora abanyagihugu mu kuvuza imiziki n’ingoma akongera agakorera hagati mu mihana y’abanyagihugu. Ngo hariho kandi n’amashengero abuza abanyagihugu kuja kwa muganga igihe barwaye nyabuna bakaja mu vyumba vy’amasengesho, ariko kenshi ngo hari abantu bahasiga ubuzima.

Ikindi naco ngo ni ahabera ubusambanyi mu vyumba vy’amasengesho. Ikivyerekana hari uwujejwe intwaro yavuze ko hari abakobwa bashika 10 batwaye inda batifuza kandi bari mu masengesho hamwe n’ingo zishika 7 zasambutse kubera inyigisho z’amashengero amwe amwe. Ngo hari naho abana baheba amashure kubera inyigisho zimwe zimwe.

Buramatari w’intara ya Cibitoke yaciye aha ikiringo c’indwi zibiri gusa amashengero yose kugira abe yajanye ibiyaranga n’impusha zo gukorera mu ntara ya Cibitoke imbere y’abajejwe intwaro. Anselme Nsabimana yavuze ko iyo ngingo izotuma amashengero adafise impusha zo gukorera ku mugaragaro yugarwa. Ngo bizotuma kandi akajagari kagabanuka kuko ngo hari n’ayusanga arongowe n’abantu babiri canke barenga kandi batemerana.

Abajejwe intwaro n’umutekano basabwe gukurikiranira hagufi ibikorwa vy’amashengero yose kugira ntihagire abanyagihugu bajuragirika canke ngo bateshwe indero n’inyigisho zitandukanye. Ikindi naco ngo n’uko amashengero ategerezwa gukurikiza amategeko y’igihugu n’aho aba bariko barakorera.

Buramatari w’intara ya Cibitoke asaba abanyagihugu kuraba neza ntibazokurikire inyigisho z’amashengero zibabuza kwigisha abana babo canke zibabuza kuja kwivuza iyo barwaye hamwe n’izibabuza gukurikiza amategeko y’igihugu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.