Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cisee yakejwe na Newcastle
 Cisee yakejwe na Newcastle
 Cisee yakejwe na Newcastle
				
				samedi 16 Ntwarante 2013
Papiss Cisse yakejwe n’umumenyereza wiwe Alan Pardew nyuma y’igitsindo yinjije kigashira Newcastle mu ca kane c’ihiganwa rya Europa League.
Uwo mukinyi w’imyaka 27 yatsinze ku munota wa 94 aho bakina ejo kuwa Kane na Anzhi Makhachkala, Newcastle ica itahukana intsinzi ya 1-0.
Pardew yagize ati: "Ni umuntu asanzwe atsinda bimworoheye ariko nta mahirwe yagize mu mikino ibiri iheze.
"Muri ino ndwi, novuga ko yaronse amahirwe abiri gusa kandi aho bose yarinjije ibitsindo."
Igitsindo ca Cisse cinjijwe n’umutwe akenyuriye umunyegoli Vladmir Gabulov, nico caheraheje umukino wari ukomeye cane.
Cabaye igitsindo ca Cisse kigira cumi muri uno mwaka, akaba yagitsinze haciye iminsi ine yinjije ikindi ku munota wa 92, batsinda Stoke mw’ihiganwa rya Premier League.
Pardew anezerewe n’uko umukinyi wiwe w’imbere yasubiye gutsinda nyuma y’akanya kari kahaciye ata mahirwe aronka.
Mugisha Van Naris
