IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Copa coca cola, kazoza k’umupira w’amaguru mu Burundi

Copa coca cola, kazoza k’umupira w’amaguru mu Burundi

vendredi 12 Ndamukiza 2013

Kuri uyu wakane igenekerezo rya 11 ndamukiza 2013 niho hatanguzwa icese ihiganwa rigira kane ry’umupira w’amaguru ry’abatarenza imyaka 18 ariryo copa coca cola.

Ivyo birori vyatangunjwe n’ishirwako umukono, hagati y’ishirahamwe Brarudi n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB, kumasezerano y’itegurwa ry’iryo higanwa. Ishirahamwe Brarudi rikaba ryafashije kurugero rw’amafaranga y’amanyamerika agera 100 000.

Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi mukuru wa Brarudi umushingantahe Schuurman Maarten, yaramenyesheje ko ari iteka kw’ishirahamwe arongoye gushobora gufasha mw’itunganywa ry’iryo higanwa. Ati : « Bizofasha kumenyekanisha amateka yinyegeje eka binaduze urukino rw’umupira w’amaguru wo mu Burundi » Yarongeye aramenyesha ko iyo mfashanyo ari ikimenyetso cuko ishirahamwe Brarudi, rifise icizero kidasanzwe m’urwaruka rw’ Uburundi . Ntiyibagiye gushima bimwe bivuye k’umutima abo bafatikanyije gutunganya iryo higanwa ahereye kuri Leta y’ Uburundi, yo itanga biciye m’ubushikiranganji bw’indero, abakinyi hamwe n’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo rifasha muvyerekeye ubuhinga.

Umupfasoni Lydia Sekera arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi nawe mw’ijambo ryiwe yarashimye bimwe bivuye k’umutima iyo mfashanyo idasanzwe. Kubwiwe ihiganwa copa coca cola rifise uruhara rudasanzwe mukwerekana ubuhinga bw’urwaruka ruzovamwo abakinyi badasanzwe muri kazoza.

Umupfasoni Lydia Sekera yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ibiriko birategurwa mw’ishirahamwe arongoye : « Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya hano iwacu ribifashijemwo n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo mubudagi ryatumyeko umuhinga azokurikirana iryo higanwa, aheze akurikirane urwo rwaruka kugira dushobore kuronka urugero rwiza rw’umupira w’amaguru hano iwacu. » Yarangije asaba ko muri kazoza iryo higanwa ryotandukira abigeme.

Ihiganwa Copa coca cola ryatanguye harimwo abanyeshure 288, ubu rikaba rigeze kubanyeshure 720, rikwiye kubonwa nk’ikiyo k’urwaruka n’inzira ryo kuduza hakiri kare ubuhinga bw’urukino rw’umupira w’amaguru. Inkino za mbere zikaba zitegekanijwe kw’igenekerezo rya 27 ndamukiza 2013.


Richard Nininahazwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.