Accueil > Inkino > FOOTBALL > David Beckham agiye mu karuhuko
 David Beckham agiye mu karuhuko
 David Beckham agiye mu karuhuko
				
				vendredi 17 Rusama 2013
David Beckham, umwe mu bakinyi rurangiranwa mu mupira w’amaguru kw’isi, yatangaje icese ko agiye guhagarika urwo rukino, mu mpera y’irushanwa ry’uyu mwaka.
Mu myaka irenga mirongo ibiri yaramaze mu rukino rw’umupira w’amaguru, Beckham yaratahukanye ibikombe 19.
Igikombe ca nyuma aherutse kugutsindira muri uyu mwaka ari mu murwi yari asigaye akinira wa Paris Saint-German, wo mu gihugu c’Ubufaransa.
Ku bwiwe, iki nico gihe ciza co gukukuruka.
David Beckham yatanguriye mu murwi wa Manchester United wo mu gihugu c’Ubwongereza. Avuga ko ashimishwa cane no kuba yarakiniye, akanaba kizigenza mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza.
David Beckham yarakiniye kandi iyindi mirwi nka Real Madrid yo mu gihugu ca Espagne, hamwe na LA Galaxy yo mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika.
Egide Nduwimana
