Accueil > Inkino > FOOTBALL > David Moyes umumenyereza mushasha wa Manchester United
 David Moyes umumenyereza mushasha wa Manchester United
 David Moyes umumenyereza mushasha wa Manchester United
				
				vendredi 10 Rusama 2013
Umurwi w’umupira wa maguru uri kw’isonga mu Bwongereza, Manchester United, wemeje ko umumenyereza wawo mushasha azoba David Moyes.
David Moyes yari amaze igihe ar’umumenyereza wa Everton.
Agiye gukorera mu ngata Alex Ferguson aroye gutangura  akaruhuko k’iza bukuru, inyuma y’imyaka 27 amenyereza uwo murwi.
Ferguson yahesheje Manchester United ibikombe 38, ibikombe ata wundi mu menyereza yigeze abona muri kahise k’umupira w’amaguru mu Bwongereza.
Alex yavuze ko ata nkeka ko David Moyes ashoboye rwose umurwi wa Manchester United.
Moyes yemeza ko ari iteka yatewe, kandi ngo azi neza ko bitoroshe gukwirikira umumenyereza nka Alex Ferguson.
Floxella Karire
