IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Denise Nkurunziza ati :"Ivyibutso n’ivyo bizotuma Imana igutabara (...)

Denise Nkurunziza ati :"Ivyibutso n’ivyo bizotuma Imana igutabara "

samedi 11 Gitugutu 2014

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu , Denise Nkurunziza asaba abakenyezi b’indogonzi gukora ivyiza vyoba icibutso cokora ku mutima w’ imana kizotuma ibibuka ikabatabara mu gihe bahuye n’ibibazo.

Denise Nkurunziza,umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’ Uburundi

Denise Nkurunziza,umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’ Uburundi yabishikirije kuri uno wa gatandatu,igenekerezo rya 11 Gitugutu ,mu nyubakwa Royal Palace, mu gihe yari aramutse ahura n’abo bakenyezi b’indongozi. Intumbero kakaba kari akaryo ko gusubira kuganira n’abo bakenyezi kugira bumve ico Imana ibagombako babeho bayihimbaye mu gihe cabo.

Umuvugabutumwa Grace Majabu

Umuvugabutumwa Grace Majabu yatanze inyigisho abwira abo bakenyezi ko ari abantu badasanzwe kuko bibungenze amahanga, gurtyo rero bashobora gukora ibidasanzwe nko kuvyara amahoro,umunezero ,urukundo n’ibindi. Grace Majabu yasavye izo ndongozi kutazorindira abandi bazoza bakiza igihugu C’Uburundi na Afrika, kuko aribo nyene bakwiye guhaguruka bagakayangana bagakora kugira bazane abo bose bariko bapfira mu vyaha,yongeye kubasaba kugira ubumwe no kwirinda gusuzugurana. Yarangije inyigisho ziwe asengera abarwayi.

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza nawe yakiriye mugenzi we abaza abari aho icibutso boba bafise ku Mana , hamwe n’ico Imana nabo yobibukirako, kuko Imana mu gutabara hari ico yibuka. Agira ati : N’ikihe kintu Imana yokwibukirako ?canke n’iki woba wibukirako Imana ?

Umupfasoni Denise Nkurunziza yasavye abo bakenyezi gukora ivyiza kugira bizotume Imana ibibuka mu gihe bazoba bahuye n’ibibazo bitandukanye yongere ibahe kuramba . Denise Nkurunziza yishimikije uturorero two muri Bibiliya,mu gitabo c’abami aho umwami Hezekiya yabayeho yizigira Imana afatwa n’indwara ahakwa gupfa maze yibutsa Imana ibikorwa vyiza yakoze, Imana imwongerereza imyaka 15 yo kubaho. Yavuze n’inkuru iri mu gitabo c’ivyakozwe n’intumwa igice 9 :36 uwitwa Dorcas nawe yari yapfuye asubira kuba muzima kubera Imana yibutse ibikorwa vyiza yakoze aho yagenda afasha impuvyi n’abapfakazi. Yabwiye abari aho ko ivyibutso arivyo bizotuma imana ibibuka,yarangija ahezagira yongera abasengera kugira Imana ibashoboze.


Floxella Karire

Messages

  • Nabwire nkuru areke amabi akorera bagenziwe yibuke aho yarari wategerezwa guhera munzu iwawe none uwobaza nti u.bwo butumwa wasize ubumenyesheje ko,Nkuru? Ntimugaceze n’Imana.kuko ninkucezera kuri transformer uzi hari ubumm.

  • MUFASHA WUMUKURU WIGIHUGU IMANA IKWONGERE IMISI YO KUBAHO UZUSHIKE MUBURUNDI BUSHASHA

  • Komera mama wacu Imana iguhezagire ku bikirwa vyiza muriko mukora mu ndongozi

  • wamuntu wiyise solo ukwiye gusengerwa namba wemera imana urasomoma neza ikambo ryimana kuva nakera ntaho imana yigeze ireka abantu NGO big ire surivu numwami nuko namba mwibazako mzoranka umukuru wigihugu mutuka mukengera nka nkurunziza akabihanganira kuba nyakubahwa akijijwe ntivyotuma adahagararira amategeko yigihugu kandi arico imana yamujeje wewe nkuwo kugira umukuru wigihugu ubona wokkwihanganira nkagasuzuguro ka RPA nkurunziza nivyiza vyishi imana izomwibukirako kuba utavyera nibisanzwe nayesu ntiyemewe nabose ariko ukuri kwam arikumwe yamyarintwari sibanyangoma nabandayikengurukiye bahatwse kuduhezmwishamba kubera maronko

  • Nukuri iyaba ubwobutumwa bwahera i bukuru ,nukuri wariwagerageje kuvuga.Imana ibahezagire, none Nyakubahwa Peter Nkurunziza ;nindongozibarikumwe,Imanabazoyabutsa kobakoze ivyiza vyuko bahohoteye abo batavuga rumwe nogucira abantu imanza zangondegonde?Mbega amarira y,impahazwa zirimuburundi barayabona? Dorcas koyibukiwe kuvyizayakoze none abo Imana bazotsa iki? Indongozi n,imbonerakure ivyo barriko bakora ntabibona?kugezaho amakungu ateba akabatera ivyatsi!

  • Ahere muhira iwe abaze Nkuru ivyo Imana izomwibukirako ko ari abanyagihugu biciwe i Muyinga canke aba FNL ma MSD bapfuye muri Safisha yibereye gukina umupira!
    Imana ni itwibuke iduhe Umukuru w,Igihugu kuko dusa n’ingabo zitagira Umutware!

  • Ntabwo narinkuze kuzanandika, arikubungubu rekanandike kubwuyu mubyeyi umumama wacyu umuvugabutumwa wacyu umukoziw’Imana yacyu. Amen.

    Uyumubyeyi mumutuke cyanke mumutukire umuryango ibyonibyo bizatuma musaba ntimuronke.
    Imana niyo yahisemo ko uyu first lady kwavuga ibyarikuvuga, wewe urikwumva ibyarikuvuga ukavuga ngo nanje kubibwira abomurugo iwe nakubwirako Imana yamutumye kuvuga ibyarikuvuga ntanahamwe uwo ikoreshya mukuvuga ibyoyamutumye yimirirwa,kukohose nimurugo rw’Imana. Ukabarero udafashye cyane ukagumya ibyo uwomubyeyi urikukubwira niwewe urikwikwegera ishyano! kuko uzabwirwa ati: nagutumyeho aborohejye nabahambaye urinangira wangakwumva. Ibara rizabonywa nabatumvira, indogoba iramenya ubwato, inka iramenya shyebujya arikwa batu Imana yaremye mwishyushyo yayo ntibayimenye kandi ntibayumire!.

  • IMANA izobibabaza nibatabishira mubikorwa

  • komera mama burundi bwacu buvuge babwanze biyahure.twe naho duheze mubuhungiro tukurinyuma.kuko siwewe kibazo kuko ibyimana igomba nibyo byiza kandi inyishu niyo niyabigomba tuzotaha.keep up mama.

  • Simparira ko uri umukozi W,Imana. Kuko wahamagarwa siho nari. Niwaba warahemagawe( reka mvuge nka Apo Paul) Mugabo niwaba warahamagawe, ukaba udashobora gu prophetisa ku rugo rwawe, haracari ikibazo. Niyaba amavuta ari kuri wewe adashobora gushororokera ku mugabo wawe ngo amukuremwo iyo esprit ya mamon, haracari ikibazo. Niyaba ububashaImana yaguhaye udashobora guhanurira umugabo wawe ngo areke gusesa amaraso, ngo umubere Prophete Nathan uti ewe Dawidi ntiwasambanije mu ka Uriya gusa , wishe na Uriya. Niwaba udashobora kumuhanura ngo arenganure impahazwe areke kunyaga imfuvyi acire imanza zibereye abapfakazj. Hariho agahaze. Jewe rero nagira ndaguhe ikimenyetso uzikwibuka. Birashoboka ko iyi message utazoyisoma. Mugabo nihaba hari abagukunda nkanje bazoyigusomere. Umushingantahe wawe. Imana yahejeje kumukurakubutegetsi. Akagomba kunigana n, umumalayika wImana atari yakobo, Ngo ashikire ubutegetsi ku nguvu. Ndakubwije ukuri agiye kukukugira umupfakazi kandi agusigarane impfuvyi. Kuko Imana ntisotorwa kandi ntibayikora mu jisho.. Igihe nicashika ataco ukoze Imana yakwambitse ububasha,bizokubere ICIBUTSo Gira amahoro yImana

  • abantu mwandika muvuga ko ari mama wanyu aho mwuva mukomeye mumutwe nimwiza gusumba banyoko ????ikukire mumitwe

  • Mbaye nka Nwari ni muvuge nka baraba polotike aho igeze .Mbe mupfasoni ariko akora propagande!!!???Mbe ko amabi akorwa i Burundi ashigikiwe n umugabo wiwe ariwe president ko atarugoborora ???Mbe mwebwe mwibaza ko atari polotike ntitugahendwe no mu mashengero hari imikino yoose muragaba..madame la premiere dame reka kuduhenda kuko amabi igihugu kirimwo urayazi nka twese jewe ntiwompenda pe ..!!!iyo ni politique...reka sha kuduhenda urazi ko nta projet nimwe mbona en faveur des orphelins et veuves kari akazi kawe????!!!!Quelle premiere dame kuraba abagowe guusa naho nyene bo mu mugambwe wawe???..dukeneye developpement sha abo bauga ngo barasenga babikorere mu mashengero politike itandukane n amashengero ..kuki n aba musulmane bategerezwa gusenga ahatariiwabo???ngo botakaza ibibanza !!!oya warengeje urugero mu bikorane bimara amahera y igihugu!!!!

  • NA jewe nshigikiye abo bamubwirako yohera imuhira gutanga ubwo butumwa ,kandi rero nta soni afise iyaba ayifise ntiyokubahutse gusubira kuja imbere ya bantu ngo ariko avuga ubutumwa kiretse ni yahukana na peter kuko aba pfasoni bazi ibanga ryo kubaka baramamramara kuko umu shingantahe wawe aguye ntu muvyure ntaco uba umaze, tubiri tuvurana ubupfu kandi niwe wambere uba wifuriza ivyiza. none ndababaze, aho hotera ikiza cingwara denise afise agati gakeya yoshima kuja kugaha barya bagore ha gutangurira ku mufasha wiwe? akeneye ku bona abo hanze aribo bakira gusumba abo munzu iwe? sindamuciriye urubanza muga amenyeko peter ari akarima imana yamuhaye yategerezwa gukorera neza kandi azokabazwa. namwe mwa bagore ni mukwirikire, nuko mufise imvutano nziza nziza muza kwerekana, mbe nta mukene arimwo?,,,tuzomwemera niyo yabuza amabi atagira izina umugabo akora ni yamunanira naho aramubisa nta mubuze ijuru.

  • nabwire piter areke kumara abantu ,Areke gushigikira ubusuma ,ubwicanyi!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!aba DD BASAZE. NU KUBIKURAKO !!!!!!!!kuneza canke kunguvu .

  • ateye isoni uwo mugore pe!!! Nabwire pita areke kwica abarundi amwibuts ko atariwe yabahay ubuzima ! ahejj ivyo yibuts ko accords yi Arusha ari mandat 2 arek kudufata nkibigugu kuko ntiturivyo ahubwo ni w arico! amubwire kandi ko la Haye imurundiriy ivyo yakoz vyose atwaka abavyeyi, incuti, abagenzi ko azovyishura!!!ntituri abaja biwe abigumize mu mutwe. kazoza kuburundi ni keza caane. Mugore we turahaze izo cinema zanyu na pita ntitubakeney. ntakindi muzi kwigisha atari ubwicanyi, ukwiba, kubesha, ivyo navyo ntavyo dukeney twebw abarundi mu mateka yacu ya kazoza. kinjura kinjura umugabo waw ikibanza ciw ni mpimba naw icaw ni ubuhungiro a vie abahunz bazira ikibi kibuzuyemwo dutahuke twubake igihugu cacu dufatanye mu nda! DEGAGE espece d’hypocryte et d’ironie

  • Ndamushimiye Aratanga Inyigisho neza Natwe Araza Murutana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.