Accueil > Inkino > Amahiganwa > Dibaba yasubiriye gutahukana ikibanza ca mbere ku metero 10000
 Dibaba yasubiriye gutahukana ikibanza ca mbere ku metero 10000
 Dibaba yasubiriye gutahukana ikibanza ca mbere ku metero 10000
				
				lundi 12 Myandagaro 2013
Umwigeme w’umunyetiyopiya Tirunesh Dibaba niwe yatsindiye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo kwiruka ku metero 10 000 mw’ihiganwa ryo kw’isi yose ryo kwinonora imitsi ryabereye i Moscou mw’ijoro ryo kuri uwu w ’Imana igenekerezo rya 11 Myandagaro.
Inyuma y’imidari y’inzahabu yaronse mu mwaka w’2005 hamwe no mu mwaka w’2007, n’ubu yarasubiriye gutsinda abo bariko bararushanywa. Yagize iminota 30 n’amasegonda 43. Yari imbere y’umunyakenya Gladys Cherono yagize iminota 30 amasegonda 45. Mugenzi we Belaynesh Oljira yagize umwanya ungana n’iminota 30 amasegonda 46.
 
- Umunyetiyopiya Tirunesh Dibaba
Dibaba ku myaka 28 akaba rigize irya kane atsinda mu kwiruka imetero 10 000.
Igihe yari yakomeretse ntivyakunze ko aja mu mahiganwa yo mu mwaka w’2009 i Berlin hamwe no mu mwaka w’2011 i Daegu muri Koreya y’epfo.
Mwomenya ko umurundikazi Francine Niyonsaba asanzwe ari uwa mbere kw’isi yose mu biruka imetero amajana umunani atashoboye kwitaba iryo higanwa i Moscou ku mvo z’amagara yiwe. Francine Niyonsaba yarakomeretse ari mu myimenyerezo.
Floxella Karire
