IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Ekereziya katorika ntiyirengagiza ikibazo c’irwirirana ry’abantu

Ekereziya katorika ntiyirengagiza ikibazo c’irwirirana ry’abantu

mercredi 16 Nzero 2013

Aho ekereziya gatorika ihagaze ku kibazo cerekeye irwirirana ry’abantu, musenyeri Venansi Bacinoni arongoye diyoseze ya Bururi ahashikiriza mu kiganiro yahaye ikinyamakuru cegamiye iyo ekereziya arico Ndongozi y’u Burundi.

Musenyeri Venansi Bacinoni avuga ko uburyo bw’ikizungu bwo kwikingira gusama imbanyi mu gihe umugabo n’umugore batavyipfuza ekereziya katorika itabushigikiye. Ngo vyaba ibinini, udushinge, utunyuzi, udukingirizo n’ibindi ngo ntanuwuzi ko atangaruka mbi bifise ku magara yababikoresha.

Umukuru wa diyoseze ya Bururi aranibaza ati mbega amahera yo guhingura ivyo bikoresho vyose, uwo yaha abarimyi, aborozi, abanyamyuga, abadandaza bato bato n’amashirahamwe y’iterambere, ubutunzi ntibwokwiyongereye abantu bakaronka ibibabeshaho bikwiye ?

Aho gushira imbere uburyo ubwo ari bwo bwose bw’ukugabanya imvyaro, ekereziya yo iguma isaba abakiristu bubatse gukundana n’ukwubahana. Bakagumya ibanga basangiye kandi bemeranije ata gahato. Ibasaba kandi kuja inama muri vyose cane cane mu kurangura amabanga yabubatse n’ukumenya kwihangana.

Musenyeri Bacinoni agira ati ibiganiro bifasha abakiristu gutegera izo nyigisho biratangwa mu maparuwase yose, haba mu nyigisho zihabwa abitegurira ubugeni, haba mu mihari y’ubutumwa n’ahandi. Ivyo ekereziya ngo ikaba ibigira ishaka kumurikira abakiristu ngo bamenye inyifato zibereye abemera mu gihe bashaka kwitaba umugambi wo kugabanya canke guhagarika kuvyara.

Kuboba bakoresha uburyo bw’ikizungu kubera batinya gusama inda batiteguriye, umukuru wa diyoseze ya Bururi aributsa ko abakenyezi bahanuje ababizi bashobora kwigenzura bakamenya igihe bashobora gusama n’igihe bidashoboka. Ariko aremera ko hakiriho intambamyi y’uko abakenyezi batama bahawe ijambo muri ivyo bibazo ngo nabo baronke akaryo ko kuvuga ico biyumvira n’ico bipfuza.


René Dieudonné Kamaro

Messages

  • niko bimeze no mu Rwanda, reba Kinyamateka No 1821 yasohotse mu Kuboza, usome itangazo ry’Inama y’Abepiskopi uko baganiriye n’abadepite ku bijyanye no kuringaniza imbyaro. Kiliziya ishyigikiye uburyo bwa kamere rwose kandi abantu babukorehseje bakwiyongera ku buryo bugendanye n’umuvuduko w’imibereho yabo, naho burya buryo bwa kizungu n’ubwo guhuhura abantu. ingaruka zabwo reka imbi zica ubuzima ubanze urebe uko mu bihugu byabo babayeho nta kana nta rubyiruko utaretse imjico yabo yasenyutse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.