IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Euro 2016 : Espagne yasezeye ihiganwa

Euro 2016 : Espagne yasezeye ihiganwa

mardi 28 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi wa Espagne yatsinzwe n’Ubutariyani ku bitsindo bibiri ku busa, Espagne iba isezerewe mu nkino za Euro zibandanya kubera mu Bufaransa.

Espagne ifise ibikombe bibiri vya Euro biheruka, ikaba yasezerewe mu gice ca 1/8, inyuma yo gutsindwa ibitsindo bibiri ku busa.

Igitsindo ca mbere c’Ubutariyani cabonetse ku munota wa 35 gitsinzwe n’umukinyi w’inyuma w’umurwi wa Juventus, ariwe Giorgio Chiellini.

Umurwi wa Espagne wagerageje gusatira Ubutariyano, ariko abakinyi b’inyuma n’umunyezamu Buffon bakaba bahagabiye.

Amahirwe ya Espagne yaje guhera burundu ku munota wa nyuma, aho Graziano Pelle akinira umurwi wa Southampton wo mu Bwongereza yatsinda igitsindo ca kabiri gishimangira intsinzi y’Ubutariyano.

Umurwi w’Ubutariyano wiyongereye ku mirwi nka Portugal, Wales, Pologne, Ubufaransa, Ubudagi hamwe n’Ububirigi yose yamaze kwironkera amahirwe yo kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Uko imirwi izohura mu gice ca kane gishira ica nyuma

Kuwa Kane igenekerezo rya 30 Ruheshi 2016 : Portugal vs Pologne (Marseille)

Kuwa Gatanu igenekerezo rya 1 Mukakaro 2016 : Wales vs Ububirigi (Lille)

Kuwa Gatandatu igenekerezo rya 2 Mukakaro 2016 : Ubudagi vs Ubutariyano (Bordeaux)

Kuw’Imana igenekerezo rya 3 Mukakaro 2016 : Ubufaransa vs umurwi utsinda hagati y’Ubwongereza na Iceland (Saint-Denis)


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.