Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA: Chuck Blazer ashobora guhagarikwa burundu mu bikorwa
 FIFA: Chuck Blazer ashobora guhagarikwa burundu mu bikorwa
 FIFA: Chuck Blazer ashobora guhagarikwa burundu mu bikorwa
				
				vendredi 10 Mukakaro 2015
Umurwi ujejwe kwihweza imico myiza muri FIFA watangaje ko Chuck Blazer ashobora gukurwa mu bikorwa vyose vyerekeye umupira w’amaguru.
Chuck Blazer yabwiye umurwi ujejwe gutohoza w’urwego rwa Reta zunze ubumwe za Amerika FBI ko ari kumwe n’abandi bo mu rwego nyobozi rwa FIFA bemeye gufumbatishwa.
Blazer yavuze ko ivyo vyabaye mu gihe haba amatora yo gutora igihugu ca Afrika y’epfo ngo cakire inkino z’igikombe c’isi yose zo mu mwaka w’2010.
Blazer yemeye kandi ivyaha icumi,harimwo kurenganya hakoreshejwe amayeri, kwinjiza kuma konte amafaranga afise inkomoko mbi, no gukwepa gutanga ama tagisi.
Blazer yahoze aserukira amashirahamwe yo mu buraruko no hagati ku mugabane wa Amerika, yavuze ko yahaye abategetsi ibimenyetso bigaragaza igiturire muri urwo rwego rwa FIFA, kugira yirinde urubanza rwo gupfungwa imyaka 70.

Messages
10 Mukakaro 2015, 21:03, par BONAVENTURE
UWO MUZUNGU ARATEYUBWOBA BASI!! ARI MURI BAMWE BAHORA BARYANA KERA!! NIBABIRUKANE BARAKAGOGWA LIDIA NSEKELA WACU ASHIKIGWE NAWE.