Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA yafashe ingingo nshasha zo kurwanya ivangura
 FIFA yafashe ingingo nshasha zo kurwanya ivangura
 FIFA yafashe ingingo nshasha zo kurwanya ivangura
				
				dimanche 2 Ruheshi 2013
Ingingo nshasha z’ishirahamwe FIFA ziteganya gukomeza ibihano ku caha c’ivangura rifatiye ku rukoba zatowe n’amajwi menshi.
Inyuma y’ayo matora, umunyamabanga mukuru wa FIFA Jerome Valcke, yaganiriye n’abamenyeshamakuru bo kuri BBC amenyesha ko ayo mategeko azofasha abakinyi hamwe boramuka bahuye n’ikibazo c’ivangura.
 
- Jerome Valcke, umunyamabanga mukuru wa FIFA
Yongeye avuga ko ayo mategeko kandi ataraba abakinyi gusa, ahana n’abategetsi hamwe n’abarorerezi.
Ibihano biteganijwe birimwo ko umukinyi azoramuka yagirire n’ico caha c’ivangura ashobora guhagarikwa gukina n’imiburiburi inkino zitanu.
Imirwi nayo ishobora gukurwa amanota, ikanasubizwa mu cicaro co hasi hamwe abakunzi bayo bokomeje gukora amakosa.
Joel Sengurebe
